Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya:Abanywanyi ba Uhuru Kenyatta biyamirije intsinzi bibwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Abanywanyi ba Uhuru Kenyatta biyamirije intsinzi bibwe

Kenya:Abanywanyi ba Uhuru Kenyatta biyamirije intsinzi bibwe

mardi 19 Nyakanga 2017

Amakuru ava aho mu gihugu ca Kenya amenyesha ko iyo myirekano yateguwe mu gihe kimwe mu bimenyeshamakuru vy’aho muri Kenya caheruka gusohora amakuru avuga ko abacamanza babiri ba sentare ntahinyuzwa aribo Philemon Mwilu na Isaac Lenaola baheruka kwemeza ko amatora yosubirwamwo ko bahuye baragira ibiganiro n’abashingwamanza ba Raila Odinga igihe humvirizwa urubanza rwo kwiyamiriza intsinzi ya Uhuru Kenyatta.

Bivugwa kandi ko hari amajwi yafashwe y’ibiganiro vyaciye kuri terefone yemeza ko habaye imigenderanire hagati y’abacamanza n’abashingwamanza baburanira uwutavuga rumwe na Reta ya Uhuru Kenyatta mu gihe urubanza rwari rushashe.

Mu gihe c’iyo myiyerekano, abayitavye batwaye ibirego muri sentare ababuranira Raila Odinga basanzwe bakoreramwo basaba ko hoba gukwirikirana uko abacamanza bitwara.

Tubibutse ko sentare ntahinyuzwa yafashe ingingo yo gufuta ivyavuye mu matora yo kuwa 8 myandagaro 2017 yari yatsinzwe n’umukuru w’igihugu,imbere yo gushikiriza ko yaranzwe n’utunenge hamwe no kudakwirikiza amategeko.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.