Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue des Champions : Real Madrid yatwaye igikombe ku ncuro ya cumi na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ligue des Champions : Real Madrid yatwaye igikombe ku ncuro ya cumi na (...)

Ligue des Champions : Real Madrid yatwaye igikombe ku ncuro ya cumi na kabiri

dimanche 4 Ruheshi 2017

Mu minota ya mbere y’igice ca mbere c’urukino,umurwi wa Juventus de Turin watanguye werekana ko uzanye inguvu nyinshi no gushaka gutsinda urukino,kuko mu minota cumi ya mbere gusa,umurwi wa Juventus de Turin warumaze gutera mw’igori rya Real Madrid incuro zibiri.

Ku munota wa 20, umukinyi Christiano Ronaldo yari atsinze igitsindo ca mbere c’umurwi wa Real de Madrid, ariko inyuma y’iminota 7 gusa,umukinyi Mario Mandzukic aca aragombora ico gitsindo,igice ca mbere c’urukino gica gihera ari igitsindo kimwe ku kindi hagati ya Real Madrid na Juventus de Turin.

Igice ca kabiri c’urukino nticoroheye umurwi wa Juventus de Turin kuko ku munota wa 61 umukinyi Casemiro yinjije igitsindo ca kabiri ca Real Madrid,inyuma y’iminota itatu gusa,Christiano Ronaldo yinjiza ikigira gatatu ku munota wa 64.

Mu gihe umurwi wa Juventus de Turin wari uzi ko urukino ruheze, ku munota wa 90 umukinyi Marco Asensio yinjije igitsindo ca kane c’umurwi wa Real Madrid,urukino ruca ruhera ku ntsinzi ya Real Madrid y’ibitsindo bine kuri kimwe ca Juventus de Turin.

Umurwi wa Real Madrid utwaye igikombe ca UEFA Champions League ku ncuro ya 12, ukaba kandi umurwi umwe mu mateka y’umupira w’amaguru utwaye ico gikombe imyaka ibiri ikurikirana.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.