Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > indirimbo > Mkombozi aririmba urukundo rwa Toma na Nadine rwaheze nabi
Mkombozi aririmba urukundo rwa Toma na Nadine rwaheze nabi
dimanche 6 Myandagaro 2017, par
"Toma na Nadine" ni ururirimbo rushasha rwa Mkombozi na JP Runyurana. Muri urwo ruririmbo, bavuga inkuru y’urukundo rwa Toma na Nadine. Inkuru irimwo ivuga ko Toma na Nadine bavukana. Hama hatera intambara. Toma yari kw’ishuri aca ahungana n’umuyobozi w’ishuri, bahungira mu kindi gihugu. Nadine nawe ahungana n’abavyeyi mu kandi karere. Inyuma y’imyaka itari mike, intambara irahera, abahunze barahunguka, niko Toma na Nadine bahurira kw’ishuri rimwe muri ya mashuri y’uburaro.
Iyo nkuru yo mu ruririmbo ibandanya ivuga ko Toma na Nadine baciye bakundana kandi cane. Inyuma yo guheza amashuri, Toma yafashe ingingo yo kuja kurondera akazi muri Afrika y’epfo. Nadine yumvise ko umukunzi wiwe agira amusige wenyene, bimwanka mu nda, bafata ingingo yo kumusigira inda. Wa muyobozi yagumye afata Toma nk’umwana wiwe, ni nawe yagiye gusigurira abavyeyi ba Nadine ibijanye n’iyo mbanyi. Maze aratanga n’inkwano, abavyeyi ba Nadine barashima maze bitegana igishika umunsi umukwe wabo azozirako hama bategure imanza z’ubugeni.
Ntivyatevye, Toma yaratashe maze aja kubonana nabo yita ba sebukwe na Inabukwe. Abo nabo baciye bamwibuka nk’umuhungu wabo bari babuze irengero mu ntambara. Hakurikiye ikibazo c’iyo nda ya gishiki na gisaza, bamwe bati tuyikorore abandi bati twoba twishe. Bugingo Nadine yari asinziriye, Mkombozi avuga ko inasenge yamuye umuti, maze inda irakoroka ica ihitana na Nadine. Abo babiri baba barapfuye. Iyo nkuru Toma ayumvise imuca umugongo nawe ariyahura. Abavyeyi babura abana babiri n’umwuzukuru. Inkuru ya Nadine na Toma ihereraho.
Tubibutse ko umuririmvyi Mkombozi asanzwe atari mu Burundi yari amaze igihe adasohora indirimbo.
Umviriza aho munsi ururirimbo "Toma na Nadine"
Cherif NKESHIMANA
Messages
7 Myandagaro 2017, 06:19, par Kwizera Astide Rutana
jew Mkomboz Ndamwemera Sana Muga Ikimbabaj Nuko Atari Muburundi Naho Yandikisha Amateka Ayandikishiriza Hanz Ntibiryosho Ubu Niwe Aba Arinamba Wane Muburundi Muga Nakomeze Imana Izobikora Nkaba Ariw Muburundi Wambere Nkunda Naho Twatandukanye Ok Komeza Urabizi Mfura Yuburundi
7 Myandagaro 2017, 06:29, par Kwizera Arstide Rutana
nijewe Kwizera Ngarutse Harico Nari Nibagiye Nagomba Ndabamenyeshe Ko Urworurimbo Ntararuronka Rwananiye Gu Télechar Kuko Ruri Muri Youtube Jewe Harangora Cane Rushire Muri Indundi Com Niho Bibagutse Muzoba Mukoze
7 Myandagaro 2017, 21:40, par Bayemere Dieudonne
Mkombozi big up.uri umuririmvyi uririmba ibikund gushka
1er Ruhuhuma 2018, 21:08, par nijew hatungimana claude
Andika hano urukundo gwa toma nanadine
10 Ndamukiza 2018, 16:14, par Uwizeye Alain Maxim
Mpururirimbo Mkombozi Rushasha.Ndaje?
30 Gitugutu 2018, 10:14, par Niyonyishu Jonathan
Mukomboz Turagukund Kuvyifuzo Nindirima Mudushikiriza Mukomere Ese Muzagaruka Iburund Ryari?