IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > indirimbo > Ururirimbo rushasha rwa Mkombozi ruriko ruvugwako vyinshi

Ururirimbo rushasha rwa Mkombozi ruriko ruvugwako vyinshi

lundi 22 Kigarama 2014

Mkombozi yasohoye ururirimbo yari amaze iminsi ategura, amajambo akoresha mu gusigura izina ryiwe ni nkoramutima. Ivyiyumviro bikora ku buzima bw’igihugu, aho rero vyumvikana ko uwo muririmvyi akurikiranira hafi ibiba mu gihugu ciwe.

Ururirimbo umuririmvyi w’umudiho wa Rap Mkombozi yasohoye ruriko ruvugwako vyinshi kubera amajambo arimwo asa n’ukuri kw’ibiba mu gihugu ciwe. Mkombozi ati:" Nije nafashe ku nguvu umukenyezi yibungenze kubw’amahera yanje uwatabaye niwe yafunzwe. Narabaye Pasteur mu rushengero rwanje navuga Imana gake amashikanwa cane, naripfuza ko iminsi yose yocika dimanche kugirango ishikanwa ntiribure mu mufuko wanje. Nije ndi wa mu Patiri yavyaye ubushuri, nabikoze mu mpisho harageze ko mvuga ukuri. Narishe abavukanyi kubw’ibisigi. Nari SATANI, mbonye inoti narayinga nk’umufungwa abonye INKUMI, abantu nkanje ngo ni iboro mu mbabarire BANYAMWEMA iyaba urupfu ari amazi ninde yari KUYANWA ? Sinababara nishe, nababara mpushije nkibagira yuko umuntu apfuye mu Buyenzi ata garage. Uwunyotewe ansavye amazi namuhaye AMARIKE ngo iyo ubuze ibere ry’umuvyeyi wonka RY’IMPENE(MANA UMBABARIRE). Hari igihe mba nshaka kwiruka nka Saido Ntibazonkiza ariko bikangora kuva ahondi kuko ivyaha BINDEMERA iyaba kwera muri mpwemu bisiga HYDROQUINONE nari kugura Carolyte nyinshi nkazoga muri PISCINE.Hasta la victoria....."

Tubibutse ko Mkombozi yahora arwaye aremvye ariko yatowe mitende, bikaba vyavugwa ko yoba yahawe ishano igihe yari mu gihugu ca Congo Kinshasa.

Umviriza aha munsi amajambo ari muririmbo ruvugamwo izina ryiwe "Nzeyimana".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.