Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Igisirikare c’Ubuganda cakoze igitero ku barwanyi b’umurwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > RDC : Igisirikare c’Ubuganda cakoze igitero ku barwanyi b’umurwi (...)

RDC : Igisirikare c’Ubuganda cakoze igitero ku barwanyi b’umurwi ADF

samedi 23 décembre 2017

Richard Karemire, yavuze ko ico gitero cabaye ku barwanyi b’umurwi "Allied Democratic Forces" (ADF) cakurikiranye n’amakuru y’iperereza igisirikare c’Ubuganda cahererekanye n’igihugu ca Kongo.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umuvugizi w’igisirikare c’Ubuganda yabwiye ikinyamakuru co mu gihugu,abasirikare b’Uganda batinjiye muri Kongo, ariko ko bakoresheje indege n’inkoho zirasa kure.

Naho ico gitero cabaye, nta makuru menshi araboneka ku bijanye n’aboba bapfuye canke ngo bakomerekere muri iyo ntambara.

Ico gitero kibaye inyuma y’amanama yakozwe indwi nyinshi hagati y’Igihuu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo n’Uburuganda, ivyo bihugu bikaba vyumvikanye ko bokorera hamwe mu gutuza umurwi ADF.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.