Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Vital’O ugeze ahatemba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Vital’O ugeze ahatemba

Umurwi wa Vital’O ugeze ahatemba

lundi 26 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi wa Vital’O wari umaze imyaka ibiri wikurikiranya utwara ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ugeze aho umwansi ashaka. Ku munsi ugira gatatu w’ihiganwa ry’umwaka w’2016 ushira uw’2017, umurwi wa Vital’O ugeze mu kibanza ca 11.

Uwo murwi ukaba uheruka kugurisha bamwe mu bakinyi bakomeye bawo, aho tukaba twobabwira umusatirizi Laudit MAVUGO yari amaze imyaka ibiri ariwe yinjiza ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, akaba aheruka kugurishwa mu murwi wa Simba wo mu gihugu ca Tanzaniya.

Uwo murwi waragurishije kandi Shassir NAHIMANA umukinyi wo hagati aheruka kwerekeza mu gihugu c’Urwanda muri Rayon, hamwe na Hussein Chabalala nawe nyene abarizwa mu Rwanda.

Ku munsi ugira gatatu w’ihiganwa, Vital’O iza mu kibanza ca 11, n’amanota abiri gusa.

Uko imirwi irushanwa

1. Athletico Olympic : Amanota 9
2. Inter Stars : Amanota 9
3. LLB : Amanota 9 pts
4. Aigle Noir : Amanota 7
5. Flambeau de l’Est : Amanota 6
6. Les Lierres : Amanota 4
7. Musongati : Amanota 3
8. Muzinga : Amanota 3
9. Messager Ngozi : Amanota 3
10. Ngozi City : Amanota 2
11. Vital’o : Amanota 2
12. Messager Bujumbura : Amanota 2
13. Rusizi FC : Amanota 2
14 . Bujumbura City : Inota 1
15. Magara Star : Inota 1
16. Olympic Star : Inota 1


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.