Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi barakwiye kujana n’ibihe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Shazi Harera > inkuru > Abaririmvyi barakwiye kujana n’ibihe

Abaririmvyi barakwiye kujana n’ibihe

jeudi 14 Munyonyo 2013

Kubera ibintu kw’isi biguma bihinduka mu mpande zose z’ubuzima bw’umuntu, n’abaririmvyi barakorwako. Harerimana Shazi canke Shazi Kool ahamagarira abaririvmyi bagenzi we kujana n’ibihe. Ivyo abivuga mu gihe hari bamwe mu baririmvyi b’abarundi bataramenya aho ibihe bigeze. Atanga akarorero kaho usanga umuririmvyi agumiza indirimbo ziwe ku ma CD, muzi umwanya ayo amara.

Harerimana Shazi, wewe yatanguye umugambi mushasha kuri we, wo gushira ivyakora k’urubuga rwa facebook kuko amaze kubona ko abakunzi biwe benshi basoma amakuru baciye kuri urwo rubuga. Akamaro kanini asangamwo n’uko ivyo atangaje kuri urwo urubuga bisomwa na benshi kandi biba bikingiye gusumba aho vyoba bibitse muri Flash aho bisomwa aruko iyo Flash ishizwe mu nyabwonko, birashika uwundi muntu ayikoresheje akabihanagura canke igatakara. Abakunzi biwe canke abasomyi b’umuhora wa internet k’urubuga rwa facebook bazosoma ibikorwa vyiwe kuri “shazi kool harera@yahoo.fr.”

Abandanya ahamagarira bagenzi we gushira indirimbo zabo ku muhora wa “youtube” kugira bamenywe na benshi na rirya abantu benshi basigaye barondera amakuru ku muhora wa Internet.

Ku batamuzi Shazi Kool Harera n’umuririmvyi aba mu gisagara ca Gitega. Yatanguye kwiyumvamwo kuririmba aciga mu mwaka wa 3 w’amashule matomato. Indirimbo yiwe ya mbere yaciye ku ma radio yitwa “Wana wa Africa”, yabandanije akora uwo mwuga aho mu mwaka wa 2006, indirimbo “muturukirize” yamenyekanye cane, eka n’izindi nka “Ineza izotsinda”. Avuga ko ata rukwirikirane yigeze akora kuko ntakamaro yabibonamwo. Muri ukwo kw’icenda 2013, yari yitavye isabukuru “Bayimba Festival”yabereye i Kampala, eka yimirije no gukoresha ibiteramo naho ataramenyesha igihe.


.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.