Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Shazi Harera > inkuru > Shazi Harera, umuririmvyi avanga umurisho w’ingoma n’imidiho mva (...)
Shazi Harera, umuririmvyi avanga umurisho w’ingoma n’imidiho mva mahanga
jeudi 4 Mukakaro 2013
Umidiho mvamahanga hamwe n’umudiho w’umurisho w’ingoma z’Uburundi niwo mudiho wa Shazi Harera. Ivyo kandi bikaba bimaze kumushikana ahatari hake kurata akaranga k’Uburundi biciye mu muziki akora.
HARERIMANA Shazi benshi bazi kw’izina Shazi Cool abandi Shazi Harera, ni umuririmvyi yamuka hagati na hagati y’igihugu c’Uburundi mu ntara ya Gitega. Ati: “Nakuriye ahantu bakunda umuziki no gutamba, mu ntara ya Gitega…”. Ivyo bikagaragarira ku kuntu yakunze umuziki akiri muto cane. “Ndi mu mwaka wa 3 w’amashure mato mato narakunda cane umuririmvyi Matata Christophe”. Uyo musore yavutse kuwa 11 Munyonyo 1982, imbere yokuja muvyo umuziki yatanguye muvyo gutamba. Mu 1996 niho yinjira mu murwi wabatamvyi witwa “Peace and Love”. Umurwi waruzwi cane mu gisagara ca Gitega wanaramuye abazwi nka Big Fizzo.
Nubwo yatanguye kwandika indirimbo ziwe bwegu yiga mu mwaka 7, umuziki wamwinjiye neza neza mu mwaka 1998. Aho niho yagira ibakwe ryo kwigishwa ingoma n’umutama w’igihangange ku murisho w’ingoma Anthime BARANSHAKAJE. Akaririmbo “Tinya umugera” niko kabaye akambere ka Shazi kaciye mu vyuma vya none MU 2004. Inyuma y’umwaka umwe gusa “Wana wa Afrika” kabaye akaririmbo kiwe ka kabiri kabaye ururirimbo ruhariwe indwi kw’iradiyo Isanganiro incuro zitari nke. Indirimbo kugeza ubu isa na “karangamuntu” ya Shazi Cool Harera yasohotse mu 2006, iyo nayo yitwa “ Muturukirize”. Kuvaho ibiteramo hirya n’ino vyaciye bitangura inyuma yugutanguza umurwi wiwe “Vumera Band”.
Shazi avuza igitari kandi yipfuza kukinonosora. Yaraserukiye Uburundi mw’ihiganwa rya SICA mu 2011 mu gihugu ca Bénin. Aho ni mu gihe mu 2008 yari mu barundi bari batowe ngo baje mw’ihiganwa rya PAM Awards rihuza ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko. Aho hose ugutorwa mu bandi akenshi bifatiye ku mudiho wiwe wa “Afro-fusion”(incange y’umudiho kama na mvamakungu).
Mbega ni kubera iki utarahasohora urukurikirane rw’indirimbo?
Shazi: Igituma ni kubera mbona ataco bimaze hano mu Burundi. Kandi ntawumfashe mu mugongo. Ndimenya muri vyose mu vyerekeye uburyo bw’amafaranga. Urumva intambamyi nyamukuru dufise hano nuko abantu bataratahura akazi twebwe abanyamuziki dukora. Kandi hari urwaruka rwinshi rufise ingabirano muga rutamenyekana kubera atawubafasha kumenyekana. Kurico rero ntaco nokwihutira gusohora urukurikirane rw’indirimbo ntari bugaruze n’ubwo buryo noba nashizemwo.
Akajambo kawe kanyuma koba akahe mu gusozera iki kiganiro uduhaye?
Shazi: Akajambo kanyuma ndakerekeza ku runganwe rwa none rw’abanyamuziki bo mu Burundi no mu Rwanda. Ni twiyumvire umudiho twokwisangiza maze ukaturanga muri bino bihugu. Umudiho mu makungu bumvise bagira bati “uyu n’umudiho w’abarundi, uyu n’uwo abanyarwanda”.
Luc-Noel INGABIRE
Messages
4 Mukakaro 2013, 12:25, par Paterne
tabia Njema... bravo
4 Mukakaro 2013, 12:41, par lizzo
yoo ni vyiza pee turabishimye cane guose guose
5 Mukakaro 2013, 00:43, par Kubwimana
Uyo musore biraboneka ko afise ishaka ryo gucuraranga, biraboneka ko ari umucuraranzi acirondera,ataraba professionnel.texte ziwe nitinyaye cane ntizigira coherence, hanyma tech niquement les arrangement musicaux ntzishitura,Afise iwji ryiza, mugabo decor muri video ziwe zirimwo ubufyinyi cane , igituma ata mu producteurararonka nuko Shazi atarahwana..bisigura ko kugira ushike kuri produit fini, commercialisable, wotanga amhera meshi cane murio studio, vyosa nko gusubiramwo indirimbo ziwe zose kuva kuri texte, arrangement musical, scripts, shootin g za video n’ibindi. ndamuremesheje ni abandanye... je suis un producteur ndabimenyereye...