IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Utujajuro > Amabwirizwa 10 y’imborerwa

Amabwirizwa 10 y’imborerwa

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Twayakuye mu ruririmbo rwitwa « Nd’igiti catewe m’urubetero, nd’imborerwa pe ! ». Ariko rero naho ayo mabwirizwa atwengeje ntimuze muyagendere kuko yoca abakura mu bantu.

JPEG - 27 ko

1. Kubera ko kuva kera na rindi, inzoga arizo zagira umugabo kandi m’ukuzimu ataziriyo, umwanya ugihema, urakunda umwerera n’ivyeri vyeza umutima nkuko wikunda wewe nyene.

2. Kubera ko abazikijijwe n’abameze nkabo bahemutse m’ukuzira umukenke, urabigira inyuma maze ubarekere ivyayi n’amafanta na kare isukari irazimvye.

3. Kubera ko ikiza c’akaranda citwa gangara giterwa n’inyota, uranywa ico ubonye cose, urabe gusa ko caciyemwo urubetero, uzopfume urara ubusa hako urara umusa wo rucanco rwico kiza.

4. Kubera inyota y’urukanywa iruta na kure iyo amadahirwa, uranywa kuva mu gatondo gushika k’umugoroba kuko umuhinga wo kunywa atanywa amasaha. Wibuke ko kugotomera ingunga bituma uborerwa zicuzuye imibindi, unywe witonda, uzire no gusiga uruvuzo mu mpange, mu kabiri, m’urubaya canke mw’ibakure.

5. Niwazindukana umuhoro n’ikidimu ugiye kurima, uragenda ureraguza, aho ubonye ishishiro, isashe canke ihonda k’urugo uhashike, uhicare, uhateramire mbere uharandire. Ugiye ku kazi, usige unyoye rimwe upfume ucererwa, sayine usubire iryo kugarura akenge, sasita urihereko, maze k’umugoroba uryicarire buce kuko muhira umugore n’abana barahabona.

6. Urasonera wubahe akabari kose naho koba ari munsi y’igiti kuko ari ikibanza ceranda co gukwega umukenke.

7. Uranywa kuva kuwa mbere gushika kuw’imana, ikirenge cawe ntigisibe inzira irora mu kirabo na rimwe. Ni wumva wadendebukiwe kuko waraye uborewe naho, uraca ufata irindi kuko akaborerwe kavurwa n’icupa.

8. Akanoti kawe ntiwishinge kukaraba inomero ubona aho rwahiye. Umenye ko uko kaje ariko n’akandi kazoza. Urihe izo wanyoye maze utahe unyoye ideni kuko ariryo rigira umugabo.

9. Uravumba uwo ari we wese wemere urindire wicare n’akabutura gatabuke ntusige n’ima mu mpange kuko kurusiga m’umubindi ari icaha gisumba na kimwe c’inyanduruko.

10. Uranywa gushika aho akenge kadegera wame wibuka kurenza abiri n’imiburiburi kuko n’abanywi basanzwe ayo barayanywa. Gutryo, uzoheza ukabakabe iparadi maze ingorane ubaze.

Si je no hahera!


René Dieudonné Kamaro

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.