IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > G-Marl Jamal > Bamwe mu baririmvyi bari mu mahanga baranegura bagenzi babo (...)

Bamwe mu baririmvyi bari mu mahanga baranegura bagenzi babo barwana

lundi 5 Rusama 2014

Bamwe mu baririmvyi b’Abarundi bari mu mahanga bariko bagira ico bashikirije ku nyifato itabereye Sat-B na Patient Matabaro berekanye igihe barwana. G-Marl arababazwa n’abaririmvyi barwana bapfa ubusa, aho kurwanisha ivyuyumviro vyobateza imbere bigateza imbere n’ababumviriza.

Umuririmvyi G-Marl Jamal ari mu gihugu ca Australiya arababazwa n’imishamirano iza iribonekeza hatati y’abaririmvyi b’Abarundi. Aha atanga akarorero ka hafi aho Sat-B yatana mu mitwe na mugenzi Patient Matabaro. G-Marl ati :"Umuririmvyi atezwa imbere no kumenyekana, kumenyekanwa kwiwe kurwizwa n’abantu hamwe n’ibikorwa vyiza no kwiyubaha akora. Sinumva ingene Sat-b yosomborotsa Patient, hanyuma nawe ntamwihanganire, ni abaririmvyi nkunda cane ariko bamenye ko babandanije batakaza abakunzi benshi na jewe ndimwo".

G-Marl Jamal aragaruka ku ruririmbo "What’s my name" rwaririmbwe na Big Farious, ari narwo rwabaye inyanduruko y’imishwamirano hagati ya Sat- B na Patient. Aha avuga ko Farious ata muntu n’umwe yabwiye kuko umudiho wa Hip hop usanzwe ukoreshwa mu gushikiriza ibintu uko biri, uwo muririmvyi w’umurundi aba mu gihugu ca Australiya avuga ko Farious ataco yapfa n’abamenyeshamakuru kugira afate umwanya wo gukora ururirimbo rwo kubavuga nabi.

Mwomenya ko Sat-b na Patient barwanye mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2014, mu giteramo bahuriyemwo kuri La Pirogue.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.