IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Ibisokozo > Bimwe mubisokozo vy’ikirundi

Bimwe mubisokozo vy’ikirundi

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Sokwe?
Niruze!

1. Ndakibona sindagifata

Igitutu

2. Kararengera

Akotsi k’abungere

3. Ikiri kure kirya abari n’amaguru

Ikigazi

4. Umwana wanje yokunesha ari muto

Uruyuki

5. Wigera mu barembe wari umurembe

Impene mu ntama

6. Abana banje bakubita ibiganza Hirya no hino

Imitwe y’inzuzi

7. Abo kwa ruringaniza bambariye imiringa mu kuzimu

Ibijumbu

8. Akavumu kanje mpungurura bunyoni

Inkono y’umurango ntirya umwe

9. Karahinda Iduri

Akato mu mpange

10. Urabona ngo bitugu vya sogokuru ansimbira urugo!

Ikivumvuri


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.