Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Igihaganwa ry’umupira w’amaboko « Basket 3x3» - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Bujumbura: Igihaganwa ry’umupira w’amaboko « Basket 3x3»

Bujumbura: Igihaganwa ry’umupira w’amaboko « Basket 3x3»

samedi 30 Munyonyo 2013

Mu ntumbero y’umunsi mukuru mpuzamakungu wo kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida uzohimbazwa ku w’Imana igenekerezo rya 1 Kigarama, harateguwe urukino rw’umupira w’amaboko Basketball, rukinwa n’abakinyi batatu « Basket 3x3 ».

Nk’uko Jaad Chris ari mu bateguye ayo mahiganwa abimenyesha, habanza urukino rw’intangamarara ruza kuba kibuga ca Parquet citwa « Terrain Sprite », amahiganwa ya nyuma azoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 1 Kigarama. Aho hazotana mu mitwe imirwi izoba yarushije iyindi mu nkino ziza kuba. Ibirori bizotangura igihe c’isaha 14 z’umuhingamo. Rizoba ribaye irya mbere umunsi nk’uwo ubaye mu Burundi. Ku rutonde hazoba hari inyigisho zitandukanye zijanye no kwirinda Sida. Umuremeshagiteramo avuza umuziki ntazohara, hazoba ihiganwa ryo gutera amanota atatu ku mupira w’amaboko, imirwi y’abatamba, eka n’ibindi vyo kuratira ijisho.

Ubushimwe buratandukanye kubazotsinda ayo mahiganwa, umurwi wa mbere uzoronka ibahasha ry’amahera y’amarundi 300.000, n’amezi atatu ku buntu bakorera imyimenyerezo nonora mitsi mu kigo « Fitness Club », n’ubundi bushimwe butandunye buzotangwa.

Amahirwe yo gutahana ubwo bushimwe aracari yose kuko ibibanza vyo kwiyandikishamwo biracariho. Jaad abwira abavyipfuza, ko borungika ubutumwa ku nomero 78525012, bakavuga izina ry’umurwi bagize urimwo abakinyi bane, amazina yabo n’inomero zangendanwa bobatorako.


Cherif NKeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.