Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2016: Intamba mu Rugamba zatsinze Djibouti
CHAN 2016: Intamba mu Rugamba zatsinze Djibouti
lundi 22 Ruheshi 2015
Mu rukino rwa mbere rwo gukurakuranamwo mu kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rya CHAN 2016 rizobera mu Rwanda,Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba w’abakinira mu gihugu,watsinze umurwi nserukiragihugu wa Djibouti,ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe ca Djibouti.
Mu gice ca mbere c’urukino,imirwi yose yaje yerekana ko ikeneye intsinzi,mbere ku munota wa kabiri gusa,umukinyi Bizimana Hassan akinira umurwi Inter Star arahusha igitsindo ari kumwe n’umukinyegori wa Djibouti.
Ku munota wa 34,umukinyi nimero 9 wa Djibouti yarateye umupira ugwa ku giti c’igoli ariko igitsindo nticabonetse.Igice ca mbere kirangira ata murwi utsinze uwundi.
Mu gice ca kabiri niho ibintu vyahindutse,kuko umukinyi Hassan Bizimana yahavuye atsinda igitsindo ca mbere c’intamba mu rugamba,ariko mu mwanya muto umukinyi nimero icenda arakigombora.
Uburundi bwatahukanye intsinzi,inyuma y’igitsindo cinjijwe n’umukinyi Nahimana Shassir ku mupira uhanahanywe neza hagati ya Laudit Mavugo,Hussein Shabani na Abassi.Urukino rwarangiye ku ntsinzi y’ibitsindo bibiri vy’Uburundi n’igitsindo kimwe ca Djibouti.
Urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe mu ndwi zibiri i Bujumbura.
Van Naris Mugisha
Messages
22 Ruheshi 2015, 11:03, par sophonie
intsinzi niyo dushaka kugeraho maze natwe twikure agasuzuguro!ndabasavye kwongera inguvu bashikame!
22 Ruheshi 2015, 14:07, par LEWIS
DUSHAKA INTSI GUSA TWIKURE AKAGAYO
23 Ruheshi 2015, 15:48, par NOKIA
NDASHIMIYE UMUMENYEREZA WI NTAMBA UKUNTU YAVYIFASHEMWO TUGATSINDA TWEBWE ABARUNDI DUKENEYE INTSINZI GUSA NTABINDI.
6 Mukakaro 2015, 20:49, par Jean claude butanuka
Jean claude, nanje nipfurije intamba murugamba ko zokongera gutsinda 2 kuri 1 ca djiptie.amahigwe.
4 Myandagaro 2015, 20:53, par Innocent Bubanza
Turakeje Iyo Ntsinzi Yintamba Murugamba Nizirambire Kandi Ziyongere Intsinzi
15 Nyakanga 2015, 10:19, par CYRIAQUE.NIYONGABO
COURAGE
23 Gitugutu 2015, 15:02, par Benoit
Ndababwizukuri Imana irazi uburundi , mutagiye mubona ko Intamba zitwaye igikombe ca chan 2016, kugira yereke amakungu ko Imana iri muruhanderwacu mbe ninde yodutsinda kandi turi mwisezerano mwebwe gusa nimusengere igihugu cacu hama murabe ko Intamba zitatubera urumuri muri Afrika, nimwibuke Berco star .
2 Ndamukiza 2016, 15:11, par rugamba ezechiel wa kdn
Tuzoshimwo Bitatu Kubusa Nyen Turabant Babasaza
28 Ndamukiza 2016, 09:38, par 0767880693
Ismail Prosper
28 Ndamukiza 2016, 09:39, par 0767880693
Ismail Prosper
2 Rusama 2016, 19:09, par MBOMA
bashishikare bakora neza imana ibahezagire
29 Ruheshi 2016, 12:34, par HABONIMANA ELIAS
NDI MU GISURU NDAKUNDA CANE INTAMBA MU RUGAMBA
16 Mukakaro 2016, 18:05, par Murishi Samuel,
Ndakunda umurwi wigihugu canje Intamba mu Rugamba..Lusaka
24 Mukakaro 2016, 00:42, par Irakoze egide
Ndanezewe cane kubona igihugu cacu coronka amahirwenkayo komera cane mumisi irimbe tuzobaturabambere mumakungu
31 Myandagaro 2016, 06:53, par Claver Manirakiza
Ndakeje Umugwi Wacu Intamba Murugamba Ati Igikombe Ca Chane Ni Gwacu Nta Nkeka
24 Ruhuhuma 2017, 16:14, par Ndayikeza David Nkabandi Ikabuyenge.
Ndanezerewe Cane Kubona Intambamurugamba Izotwara Igikombe Ca Kane. (feristation Vraiment à C’est Mach Ok)
26 Ntwarante 2017, 08:17, par ISAAC
nukur ndachimye kubo na umurwi wacu utsinze