IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Chris Brown na Rihanna boba bafata inzoka nk’’’Imana’’

Chris Brown na Rihanna boba bafata inzoka nk’’’Imana’’

samedi 2 Rusama 2015

Abaririmvyi Rihanna na Chris Brown bahuriye mu birori vyo guhimbaza umunsi w’ivuka ry’umuririmvyi Travis Scott, baca bifotoza amafoto bafise inzoka nini nk’uko bakunze kubigira. Muri izo foto harimwo igitangaza.

Amafoto y’abahoze bakundanye: Chris Brown na Rihanna bafashe inzoka nini ateye amakenga. Hagati muri izo foto handitsemwo "SnakeGod", tugerageje kubishira mu Kirundi vyoba bisigura "imana nzoka". Ayo mafoto rero ariko atuma hari abibaza ko abo baririmvyi boba bemera inzoka nk’’’Imana?’’ Canke ryoba ari izina ry’iyo nzoka?

Tubamenyeshe ko kuri uwo munsi, abenshi bibajije ko Rihanna na Chris Brown boba basubiye gukundana inyuma y’imyaka 6 bavanye kandi bavanye nabi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.