IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Boxe > Floyd Mayweather yatsinze indwano y’ingumu yitiriwe ikinjana

Floyd Mayweather yatsinze indwano y’ingumu yitiriwe ikinjana

lundi 4 Rusama 2015

Floyd Mayweather yatahukanye intambara y’ingumu"Boxe" yitiriwe ikinjana "le combat du siècle". Floyd yambwitswe umukaba ugira gatatu. Mu ndwano 48 amaze kujamwo ntaraneshwa na rimwe.

Muri urwo rukino rw’indwano y’ingumu "Boxe" rwitiriwe "Indwano y’ikinjana"(le combat du siècle), umunyamerika Floyd Mayweather yatanye mu mitwe na Manny Pacquiao avuka mu gihugu ca Philipines, hari i Las Vegas muri Nevada. Floyd Mayweather yakubise ingumu 148 zashikiriye Manny, uwo nawe yashoboye gukubita ingumu 81 zashikiriye Floyd. Uwo wanyuma yaciye yambikwa umukaba wo ku rwego mpuzamakungu rutegura inkino za "Boxe" bita " World Boxing Organization(WBO)", uwo mukaba wiyongereye ku yindi yarafise nka: "World Boxing Association" na World Boxing Council". Floyd yaciye akwiza inkino 48 yakinye ataneshwa na rimwo, na yo Pacquiao yaciye akwiza incuro 6 atsindwa mu nkino 57, hamwe na 2 yanganije.

Urukino rwa "Boxe" rwitiwe "le combat du siècle" rwabaye urukino rwa mbere rwitabwe n’abantu isinzi kandi rwinjije amahera atari bwigere yinjira haba mu nkino z’umupira w’amaguru ku rwego rw’isi. Amakuru atangwa n’ikinyamakuru 7sur7.be, avuga ko Floyd yamerewe amadorari angana imiliyoni 120.

Mwomenya ko uryo rukino rwaronse abarorerezi benshi kandi b’abagwizatunga gushika aho, abarorerezi batanze amahera angana imiliyoni 400 z’amadorari, muri abo harimwo Jay Z na Beyonce.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.