IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > Fontaine Isoko: Mkombozi imboneza mu rwaruka

Fontaine Isoko: Mkombozi imboneza mu rwaruka

mercredi 27 Munyonyo 2013

Mkombozi ariko abona bishasha mu buzima bwiwe. Amaze iminsi ariko akina ireresi atumweko na PSI. Ubu naho azofadikanya na Patrick 2ten guhamagarira urwaruka kwirinda Sida n’ibiyovya bwenge, hazoba ari mu giteramo co kw’igenekerezo rya 15 Kigarama. Hejuru y’ivyo, ishirahamwe”‘Fontaine Isoko” ryamutoye mu miyabaga indwi (7) y’Abarundi bafise ico bariko bamarira igihugu mu kugiteza imbere kugushaka kw’abo.

Mkombozi asanzwe ari umuririmvyi afise ikibanza gikomeye mu muziki w’Uburundi. Muri iyo minsi iheze, yatumweko n’ishirahamwe PSI. Iryo shirahamwe ryamutoye nk’umwe mu miyabaga y’Abarundi atanga ubutumwa bwiza buciye mu ndirimbo. Aho hari mu magenekerzo ya 12 Munyonyo aho we n’abandi nka Yoya batangura gutegura iyo reresi ihamagarira urwaruka kumenya gukoresha agakingirizo k’uwo binaniye kwihangana. Ivyo vyamutumye yiyumvamwo amareresi cane hamwe aronse uwumuha intege yobandanya.

S’ivyo gusa, mu giteramo benshi biteuranye igishika co ku munsi w’Imana w’igenekerezo rya 15 Kigarama, azoba ariko atanga impanuro ku rwaruka no ku bandi zo kwirinda kunywa ibiyayura mutwe no kwirinda Sida. Ishirahamwe ry’abanyamwuga “Association pour la Promotion des Artistes” ririkumwe n’umuririmvyi 2ten, asanzwe ari n’umuvugizi w’iryo shirahamwe, bagomvye kwifadikanya na Mkombozi kugira barenze amajwi kure biciye mu mpanuro ziri mu ndirimbo.

Akabirya mu buzima bwa Mkombozi: aherutse gutorwa nk’umuyabaga w’imboneza mu rwaruka. Yatowe n’ishirahamwe “Fontaine Isoko” aho iryo shirahamwe ritora ku mwaka ku mwaka bamwe mu rwaruka rw’Uburundi rwabaye imboneza kurusha urundi. Mu gutora, Fontaine Isoko ryisunga ibikorwa umuyabaga kanaka yakoze, akorera igihugu mu kugihesha iteka mu makungu canke mu kugiteza imbere. Nzeyimana Thomas ari we Mkombozi w’imyaka 24, ari ku rutonde rw’imiyabaga indwi (7) ifise ico yamariye igihugu kandi atawuriko abafata mu mugongo, abamaze kumenyekana n’aba bakwirikira: Mkombozi yatowe mu baririmvyi, Jean de Dieu amaze gutera ibiti birenga imiliyoni 5 yatowe mu gukingira ibidukikije, Francine Niyonsaba umunonotsi w’umwigeme n’abandi.

Mkombozi abona ivyo biriko bimubako ko ari ugushaka kw’Imana kuriko kuraranguka. Umviriza ururirimbo"umubanyi wanje".


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.