IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > Biography

Biography

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Nzeyimana Thomas benshi bazi kw’izina rya Mkombozi, ni umuririmvyi w’umurundi aririmba m’umudiho wa Hip Hop akaba ari umusore w’imyaka 24.Akaba yarahejeje amashure yisumbuye akaba kandi yakuriye mu gihugu ca Tanzaniya.

Ngo kuva mubutoyi bwiwe yakunda ibijanye no kuririrmba kuko yabitanguye afise imyaka indwi gusa aho yakunda gusubiramwo indirimbo zari zigezweho muri ico gihe.Aho twovuga nk’iza Luck Dubbe,Bob Marley na Christophe Matata.Yamye yipfuza kuzoba umuririrmvyi akomeye bica bimutera gutangura kuvyimenyereza baze bikaryohera nabamwumva aririmba.Ngo uwo yigiyeko kuririmba ni Professor Jay,umuraperi akomeye wo mu gihugu ca Tanzaniya.

Igihe atanguriye kuririmba yagiye akorana n’imigwi myinshi ndetse n’abaririmvyi ku giti cabo.Aho twovuga nka Lick dog, Lil Moise na Jay Kizzo.Yatanguye kuririmba indirimbo yiwe yambere mu mwaka wi 2009.Iyo ndirimbo yitwa “Zawadi Ya Mwaka” yatumye anamenyekana cane kuko yari mururimi rwumva na benshi ngo kandi ko yari yayiririmbanye naba ririmvyi bamaze gutera imbere harimwo mukuru wiwe wo kwa nyinabo Big FIZZO na inarume Oncle Crazy.

Iyo ndirimbo Zawadi Wa Mwaka yatumye kandi aba umwanditsi w’umwaka muri 2009 i Burundi, ituma mbere ahamagarwa mu misi mikuru y’isabukuru y’imyaka 50 muri Congo eka ituma aba rurangiranwa mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko.

Ubu aramaze gukora indirimbo zigera ku munani udashizemwo izo yagiye afasha iyindi migwi ndetse n’abaririmvyi ubwabo.Iyo asohoye indirimbo nshasha, aca ategura igiteramo co kuyereka abakunzi biwe kandi kikitabwa cane.Ngo afise kandi indirimbo nyinshi yanditse ariko arakora muri studio,ngo mu minsi ya vuba agiye gushira ahagaragara album yiwe.

Ngo kubakunzi biwe,afise ibiteramo bitandukanye azoba arimwo vuba.Aho ni kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2013 mu Gatumba.Kuva itariki 16 na 17 azoba ari muntara ya Cibitoke.Kw’igenekerezo rya 22 naho azoba ari mu giteramo I Bubanza.


Paterne Nsengiyumva

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.