IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fortrand Bigirimana > Fortran yashimiye abamufashije gushika ku ntambwe agezeko

Fortran yashimiye abamufashije gushika ku ntambwe agezeko

lundi 25 Myandagaro 2014

Umuririmvyi Fortran Bigirimana yanezereje abakunzi biwe mu giteramo yari amaze iminsi ategura, kuri uwu w’Imana kikaba cabaye ica mbere inyuma y’ibikorwa vyinshi birimwo ingendo mu karere no mu makungu yahoramwo, hamwe n’urubanza rw’ubugeni bwiwe. Akaba yafashe akanya ko gushimira Imana kuvyo yamukoreye hamwe n’abamufashije, na cane cane mu muziki.

Igiteramo catanguye nk’igihe c’isaha 12 zirenga gato, cugururwa n’umuririmvyi Fabrice Nzeyimana, abanza kwibutsa ubuzima bwa Fortran mu ncamake, uwariwe, hamwe n’ibikorwa amaze kurangura gushika kuri ino saha. Icigaragaje muri iyo myidondoro, n’uko Fortran Bigirimana ari umuntu azi kubana n’abandi kuko yakoranye indirimbo zitari nke n’abarundi hamwe n’abanyamahanga. Inyuma yaho, Fortran Bigirimana yararonse akaryo ko kuririmba indirimbo ziwe, aho abamenyereye ibiteramo vy’uwo muririmvyi bazi ko adakunda ko abamwitavye barambirwa canke ngo bicare n’akanya gato ,baratamba bagatarika.

Nk’uko igiteramo ciwe yagitaziriye "Mumfashe Dushime" Fortran Bigirimana yarafashe akanya ko gushimira Imana yamugejeje aho, aca aboneraho n’akaryo ko gushimira abamufashe mu mugongo. Fortran Bigirimana yarashimiye cane bimwe bivuye ku mutima umuhinyanyuzi abenshi bazi kw’izina rya Jéremie, uwo nawe avuga ko ariwe yamufashije gusohora ururirimbo rwiwe rwa mbere yise "Icete", ata mafaranga amusavye. Fortran Bigirimana yamenyesheje ko uwo muhinyanyuzi ari umuntu abona kazoza kari mu muntu, akamushigikira n’ubwo ata buryo umuntu aba araronka. Fortran ati : "Nimube mureka dushimire abantu bakiriho".

Uwundi yashimiye n’umuririmvyi Appolinaire ari nawe yita "Parrain", ni ukuvuga umuhagarikizi, nawe aramushima ko yamufashije vy’umwihariko ibitari bike, kandi ko amwubaha cane. Bakaba baciye baririmbana akaririmbo k’uwo muririmvyi "Nararonse incuti".
Inyuma y’aho Fortran Bigirimana yarashimiye Fabrice Nzeyimana, umuririmvyi nawe nyene avuga ko yamubaye hafi kuva mu buto bwiwe, aho bibutse uturirimbo baririmbanye bagitangura. Uwundi yashimiye, ni umuririmvyi Gaby Kamanzi, n’aho atabonetse muri ico giteramo, mbere Fortran Bigirimana avuga ko ari nka mushiki we, uwo nawe mukaba muzi ko bakunda gukorana akatari gake mu biteramo.
Fortran ntiyibagiye gushimira ibinyamakuru n’amaradiyo vyamufashije.

Muri ico giteramo, n’abaririmvyi batandukanye b’indirimbo zo guhimbaza Imana bari bitavye, iruhande ya Appolinaire na Fabrice Nzeyimana n’umurwi usanzwe umufasha kuririmba "The woshippers", "One Nation", wari wahishikiye mu ndirimbo yabo "Imana si umuntu" hamwe n’umurwi "Redemption voice" mu ruririmbo "Yuguruye Ntawugara".
Ico giteramo co gushima cari citabwe kandi n’umuvugishwa Joel Tatu Francis. Abagiye bafata amajambo barahezagiye Fortran Bigirimana, bongera bamutera intege.

Igiteramo cagiye kurangira nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro zirenga iminota 35, ariko uwo muririmvyi n’abakunzi biwe bikaboneka ko bari bakinezerewe batagomba guhagarikira, kikaba carangiriye ku ndirimbo y’umuririmvyi yitwa Michelle Williams "When Jesus says yes nobody can’t say no", iyo nayo ikaba yasubiwemwo n’umukenyezi wa Fortran Bigirimana, ariwe Sophie Derrain.

Tubamenyeshe ko uwo muririmvyi yoba yasa n’uwuriko arasezera akanya gato abakunzi biwe, kuko agomba kuja kubandanya amashure mu mahanga.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.