IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fortrand Bigirimana > Fortrand yasohoye isanamu y’ururirimbo yakoranye n’uwo bazubakana

Fortrand yasohoye isanamu y’ururirimbo yakoranye n’uwo bazubakana

mercredi 12 Ntwarante 2014

Fortrand Bigirimana aririrmba indirimbo mpimbazamana aherutse gushira ahabona amasanamu y’ururirimbo yakoranye n’uwo bagiye kwubakana Sophie Derain. Iyo sanamu ije kumenyesha urukwirikirane rwiwe rugira gatatu.

Iyo ari mu ngendo amazemwo amezi arenga 3 mu bihugu vy’Ubufaransa n’Ubuholande, umuririmvyi Bigirimana Fortrand yarasohoye amasanamu y’ururirimbo "Nimumfashe" yaririmbanye n’umwigeme Sophie Derain ava mu gihugu c’Ububirigi basanzwe bari kumwe mu murwi "The Worshippers". Nk’uko Fortrand avyivugira uwo niwe kandi bagiye kuzibanira ubuzima bwabo bwose.

Ururirimbo "Nimumfashe" rwakorewe amajwi muri Afro Music, ariko amasanamu yakorewe i Buraya yakozwe n’uwitwa D.Warren nk’uko tubisoma mu mpera y’isanamu. Fortrand amenyeshako urwo ruririmbo ruje kumenyesha urukwirikirane rwiwe rwa gatatu.

Twobamenyeshako uwo muririmvyi amaze amezi arenga atatu ari mu bihugu vya Buraya, aho ku magenekerezo ya 31 Nzero n’igenekerezo rya 01 Ruhuhuma yarafise ibiteramo mu gisagara ca Bruxelles ahitwa Rue Longtin no 44. Si ibiteramo gusa, uwo ntiyawupfishije ubusa kuko ariko ariga n’ibicurarangisho nka Piano Jazz.

JPEG - 52.1 ko
Fotrand ariko ariga Piano Jazz

Fortrand Bigirimana yitezwe mu gihugu c’Urwanda kw’igenekerezo rya 30 Ntwarante mu nzu y’ingenzi Serena Hotel azoba agiye mu giteramo yatumiwemwo na Patient Bizimana na Gabby bo mu Rwanda, azoba ari kumwe n’abandi baririmvyi nka Dudu.

Umviriza wongere urabe ubudasa bw’ayandi masanamu k’ururirimbo "Nimumfashe"

)


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.