Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Happy Famba yakenyereye igiteramo co gushigikira abakenyezi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Happy Famba > Inkuru > Happy Famba yakenyereye igiteramo co gushigikira abakenyezi

Happy Famba yakenyereye igiteramo co gushigikira abakenyezi

lundi 2 Ntwarante 2015

MKALI WA Show canke Happy Famba ntagiye kuvyorosha inyuma y’ibiteramo n’ingendo yagize mu bihugu vyo muri kano karere, igiteramo agiye kugirisha vuba ni ico kwerekana ubuhinga n’ubumenyi yakuye mu mahanga. Famba ati:"Aho ngeze umuziki wanje si uwo mu Burundi gusa".

Igiteramo co kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2015 muri Musee Vivant, Happy Famba ntavyorosha, ku nguvu zo gukora ibiteramo n’ubuhinga yakuye mu Kenya na Ouganda, arabona ko umuziki wiwe ugiye kubandanya ugera kure nk’uko umaze kwerekanwa mu mboneshakure zo mu makungu. Umuziki wiwe avuga ko wamaze gufata inzira ya karere ka Afrika aravye ubugenzi n’imigenderanire afitaniye n’abaririmvyi bakomeye nka Jaguar.

JPEG - 135 ko
Happy Famba na Jaguar

Bimwe muri bishasha bizoba mu giteramo ca Famba

Happy Famba, mu kiganiro yagiranye na IGIHE, avugako ababara yibutse ko nyina wiwe yapfuye atabonye itera mbere ry’umuhungu wiwe mu muziki nk’uko yari yaramuhaye uruhusha ryo gkora umuziki. Ku bw’ivyo, Happy Famba yipfuje kugira igiteramo nk’imeze nk’isabukuru ku munsi mpuzamakungu wahariwe abagore. Ab’igitsina gore bose bazoshaka kuja kuryoherwa hamwe na Famba bazokwinjira ku buntu.

Ikindi n’uko uwo munsi uzoshika kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante aho kandi Intamba mu Rugamba zizokina n’Ingwe zo muri Congo, igiteramo ca Famba cashizwe kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante. Kubera yahoze ari umukinyi kandi akunda umupira w’amaguru, abakinyi b’Intamba mu Rugamba bazokwinjira kuri gusa.

JPEG - 124 ko
Happy Famba mu giteramo muri Kenya

Ni ubwa mbere mu Burundi hatumigwa baririmvyi bagera kuri 50 mu giteramo kimwe. Bamwe murabo bazomufasha kuririmba abandi bahabwe ibibanza vy’iteka. Abaye umuririmvyi wa mbere mu Burundi ahaye ikibanza c’iteka bagenzi we. Bishasha kandi n’uko azovuza zimwe mu ndirimbo zigize urukurikirane yise"Collabo"zatanguranye n’umwaka w’i 2015.

Arangiza ashimira ishirahamwe Brarudi ryo ririko rifata mu mugongo ico giteramo, arashima abamenyeshamakuru atibagiye TAKIS arongoye inzu y’ubuhinyanyuzi African Sound Record kubera ariko amucisha ubwenge mu bikorwa vy’umuziki.

Icapa kiranga igiteramo tuzokibereka mu makuru y’ejo kuko kitahera gukorwa neza.

"Ndacagukunda" na Happy Famba


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.