Accueil > Ubuhinga bwa none > IGIHE.tv, imboneshakure nshasha ikora amasaha 24 kuri 24
IGIHE.tv, imboneshakure nshasha ikora amasaha 24 kuri 24
mercredi 20 Munyonyo 2013
Imboneshakure nshasha yatanguye gukora, aho itangariza ibiganiro i Kigali mu gihugu c’Urwanda. Iyo mboneshakure ikaba yitwa « IGIHE.tv ». icako ibiganiro vy’abakuze ndetse n’ivyabana. Muri uyu mwanya wa mbere, ikaba yatanguye gukora ku buhinga ngurukanabumenyi gusa.
Nk’uko Germain Sahaha, umuyobozi w’iyo mboneshakure nshasha « IGIHE.tv » abimenyesha, iyo mboneshakure ikorera ku buhinga ngurukanabumenyi gusa. Kandi ikora amasaha 24 kuri 24. Ibiganiro vy’iyo mboneshakure bikaba bizoba vyerekeye ibiteramo, imicokama, poritike, urudandaza hamwe n’ibindi.
Uwo muyobozi aranamenyesha akabirya kuri iyo mboneshakure : Umuntu ashaka kuraba ikiganiro cerekanywe ariko atabonye azoshobora kucisubiriramwo maze akirabe. Iyo mboneshakure ikaba izokorana n’izindi mboneshakure mpuzamakungu nka France 24, RTL, ESPN, KTN ndetse n’izindi.
Icigaragaza nuko iyo mboneshakure ifise, ahanini, intumbero y’urudandaza. Kuko, nk’uko vyamenyeshejwe, IGIHE.tv izokwerekana ibimenyeshwa n’amahinguriro abisavye muco mu gifaransa bita « publicité ». « IGIHE.tv izokwerekana amakoraniro, ibirori vy’akaranga, imanza z’ubugeni n’ibindi birori bikwiye kumenyekana ", nk’uko umuyobozi Germain Sahaha yabimenyesheje.
Imboneshakure IGIHE.tv ikaba yashinzwe n’ishirahamwe Free Media Networks ifadikanije na Holy Multimedia hamwe na IGIHE Ltd. Umuyobozi wa IGIHE Ltd, Meilleur Murindabigwi akaba yagize ati : « Free Media Networks ni ishirahamwe rikora ibijanye n’ibimenyeshamakuru. Iryo shirahamwe rimaze umwaka wose rikora ibikorwa bitandukanye mu bijanye navyo ».
INGABIRE Luc-Noël
Messages
13 Ndamukiza 2014, 09:03, par Ikoribitangaza Eliezel
Iyo Tv Nsha Noyibora Gute Muri Fone Yanje Kuko Naje Nsanzwe Nkora Visite Kurubuga Rwa Igihe.Bi
5 Rusama 2015, 08:32, par ni Evangeline IBURUNDI
numva nanj nipfuj iyo tv muri fone yanj.noyibona gut?
6 Ruheshi 2015, 11:44, par bujz
Mwe ni sawa kweli,ntako mutagira ngo notre sous.region iterimbere ,bravo!
17 Mukakaro 2015, 13:32, par Swing LOV
Nukuri Numvanoshim,nukonatwe Mutayiduh.Ku,tv