Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Patient Matabaro > Inkuru > Indirimbo za Patient MATABARO zaronse isoko mu mahanga
Indirimbo za Patient MATABARO zaronse isoko mu mahanga
mardi 3 Ntwarante 2015
Abaririmvyi bo mu Burundi bariko barondera amasoko yo kugurisha indirimbo zabo mu bihugu vyo mu karere. Mbega mu Burundi habuze uwozana urwo rucuruza kugira umuririmvyi atungwe n’akazi kiwe?.
Inyuma ya Ashley GIRUKWISHAKA aheruka kugirana amasezerano yo kugurisha indirimbo ziwe n’ishirahamwe "Room Tech" ryo muri Kenya, Patient MATABARO nawe yafashe iyo nzira nyene. Uwo nawe yagiranye amasezerano y’imyaka itatu n’ishirahamwe DMARK ryo mu Buganda. Amahera MATABARO azokura mu muziki wiwe azovana n’uko indirimbo ziwe azoba yarungitse zizovuzwa muri za ngendanwa nk’ururirimbo rwo kwitabirako ivyo bita "Sonnerie", canke uwuzoshaka kurungikira uwundi ururirimbo. Uko umuntu wese azokoresha ururirimbo rwa Patient MATABARO mu ndirimbo azoba yahaye D MARK bizomutwara amahera. Ayo mahera amwe azoja kuri "Compte" ya MATABARO ayandi muri DMARK.
Mu gihe mu Burundi abaririmvyi bama bidoga ko batabona vuba inyungu z’umuziki wabo kubera indirimbo zabo zitaronka isoko, bamwe bamwe bariko buguruka amaso baja kurondera isoko mu mahanga. Bamwe mu baririmvyi basaba ko abagwizatunga boshira imitahe mu muziki, maze bo n’abaririmvyi batungwe n’akazi kabo.
Umviriza "Nzoza" rumwe mu ndirimbo ziwe ziri kw’isoko mu Bugande
Cherif Nkeshimana
Messages
18 Ruheshi 2015, 20:32, par NININAHAZWE CLAVER
EWANA WETERIMBERE WIBUKE NABANDI BATARATERA IMBERE
5 Kigarama 2016, 02:53, par chris
ash nukur urazi kuriri arik umuzik wo mu burund ntukwitah cane,wopfuma wisubirira mur gospel imana yokugir musha mn,jw ndagushakir uguhinduk grand frere kand ndagukunda sana
8 Ruheshi 2017, 23:21, par Vi.dology
Iconovuga sikindi kuki abaririmvyi ba barundi bariko baja gutezimbere amahanga ni wabo hatarajimbere ku vyerekey umuziki indundi. murakoze