Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Amasanamu > Isanamu y’ururirimbo"Impemburo" irimwo hanini ibara ryirabura
Isanamu y’ururirimbo"Impemburo" irimwo hanini ibara ryirabura
mercredi 13 Rusama 2015
Isanamu y’ururirimbo SatB yatanze intererano yiwe ku biriko biba mu gihugu yasohotse. Ibonekamwo uwo muririmvyi hamwe yicurikiye ahandi ariko arabanguranya abariko barwana.
Isanamu y’ururirimbo "Impemburo" rwa SatB yaraye isohotse, irimwo cane ibara ryirabura ryoba rifitaniye isano n’amajambo ari mu ruririmbo, akarorero, Satb ati:"Ubayeho kubera ndiho naje ndiho ho kubera uriho. Nacumuye iki ko mbuze umutekano mu banje no mu vyanje ? Basogokuru barayamaze bati :" Ineza yiturwa iyindi aho hari kera ivyo mbona ubu ineza yiturwa inabi kandi niko bimeze. Yezu yacishe kubw’icumuro vy’abana b’abantu, uwo murimyi we yoba azize iki ?mbwira Mana. Igihe nzokubona nzokubaza igituma Abarundi barara inzara birirwa kandi ata ndya zibuze. Bantu, Ntimumere nka Yuda yaguze umwana w’Imana ?". Bishoboka ko umuhinyanyuzi Kent P yayishizemwo iryo bara ryirabura abisabwe ba Satb kugira amajambo aririmba ashuse n’isanamu.
Muri iyo sanamu, SatB nyene aboneka ariko abanguranywa abariko barwana, mu mpera naho aboneka, asa n’uwutangaye canke ababajwe n’abantu bariko biruka basa n’abahunga.
Cherif Nkeshimana
Messages
17 Rusama 2015, 20:35, par Adolphe
Bampema yuzuye mugihugu c’uburundi bazokwamaho kuko abobo bashing’amategeko nibobayarengako iconobahanura icambere nuko bogabanya indandende bakamenyako icogihugu barwanira aric’Imana Imana nayo ikorivyayo iyontegurombi itegurwa m’uburundi ntizoyemera ko bijamungiro kuko Abobabitegura bose nabana bayo Iminsi y’igisuma nimirongwine gusa teranya rero niw’ubwirwa.
3 Ruheshi 2015, 22:29, par JACKSO
Satb urakoze bane kuturemesha no kudukebura felistaton kabisa
12 Ndamukiza 2016, 18:16, par Reverien Harerimana
Na Jewe Naramaze Kubonako Ineza Yiturwa Inabi Kuko Buraca Bugacana Ayandi.
17 Ndamukiza 2016, 22:23, par Some-time
sat_b respecte To you;nukuri ntakombona nobishima canke nobasimi ivyomukora vyose bizabimbera ration, vraiment thank you. natwe dusanzwe turaba artiste dukenye initié, KO mudufate mumugongo tuve mûri underground tube nkamwe aba super stars.
16 Nyakanga 2016, 22:04, par Manirakiza Evode 69252457
Ndababaye Kubona Abapigayi Bimiziki Bahunga Bazira Ukuvugisha Ukuri Birambabaza Cane Sat b Mukuji Wanje Niwihangane Kuko Natwebwe Ntitumukunda Mugabo Buca Kabiri Atumare.
8 Ruhuhuma 2017, 16:00, par stiv
iman,nishimw