Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Amasanamu > Raba agace gatoyi k’isanamu y’ururimbo "Imvura y’ibi Baby"rwa SatB
Raba agace gatoyi k’isanamu y’ururimbo "Imvura y’ibi Baby"rwa SatB
vendredi 27 Ruhuhuma 2015
Inyuma y’ururirimbo n’isanamu ya "Satura Amabafle"vyakunzwe cane, Sat B ariko akora isanamu y’ururirimbo yise"Imvura y’Ibi Baby" ibonekamwo ari mu bakobwa benshi bambaye uduhuzu dupfuka igitsina n’amabere gusa.
Nta minsi myinshi iheze asohoye kwa Lizer Classic ururirimbo "imvura y’ibi Baby", ururirimbo rutaramenyekana nk’izindi ndirimbo ziwe. Nk’uko rero umutwe w’ururirimbo ubivuga(Imvura y’ibi Baby), intangamarara y’isanamu(coming soon) ibonekamwo abakobwa benshi bambaye nk’abagira boge muri"piscine"koko baboneka bari iruhande yayo. Sat B wewe aboneka umwanya muto muri ako gace gatoyi k’isanamu y’ururirimbo "Imvura y’ibi Baby"
- Bamwe mu bazoboneka mw’isanamu
Turiko turamurondera Sat B kugira atubwire ibijanye n’integuro y’iyo reresi izoba ibaye iya mbere kuva yiswe IKOHBOY bisigura ko ariko afatwa mu mugongo n’ishirahamwe Ikoh Multiservice.
Raba agace gatoyi k’isanamu y’ururirimbo "Imvura y’Ibi Baby"
Cherif Nkeshimana
Messages
28 Ruhuhuma 2015, 18:21, par j.kay
nukuri sat.b turamukunda mugabo azorabe neza ntizomutakarize akaranga. sat.b, oyooooooo...
3 Ntwarante 2015, 03:10, par Ishimwe alfred
NIWITUME MWANA W’UBURUNDI NI VYIZA CANE KUMENYEKANISHA UBURUNDI BABWIRE BABWIRE MWANA W’UBURUNDI
1er Myandagaro 2018, 20:47, par Ndayishimiye Jibril
nukuri satura turamukunda mugabo azorabe ku masanamu atwereka ntazote akaranga k’abarundi sat-b songa mbere
2 Myandagaro 2018, 23:03, par nduwimana thierry
nukuri bino bintu tubona birareze cane !nabandanye aduha umuziki mbega iyasohoye vuba yitwa,ngwiki?