IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chanelle > Kook-k na Chany Queen bariko bakora iki mu gitanda?

Kook-k na Chany Queen bariko bakora iki mu gitanda?

mercredi 25 Ruheshi 2014

Isanamu y’ururirimbo "How much I Love you" yasohotse inyuma y’iminsi itari mike iri mu biganza vy’umuhinyanyuzi, umwanditsi, akaba n’umuririmvyi Kook-k. Isanamu yatwaye uburyo butari buke ariko ubuhinga n’ubwo Kook-k asanganywe.

Isanamu ikozwe mu buryo buhanitse yavuye mu muririmbo "How much I Love" rwavuye mu majwi ateranije y’abaririmvyi Chany Queen na Kook-k. Yakozwe na Kook-K ubwiwe mu nzu ihinyanyura imiziki "Golden Records" yiwe nyene. Amwe mu mashusho (photo) aboneka muri iyo sanamu yafatiwe i Kiriri mu nzu y’ingenzi "Bel Air"

Mu kiganiro Kook-k yahaye ikinyamakuru IGIHE avuga ko amasanamu y’urwo ruririmbo yamutwaye amafaranga atari make, ariko ku bijanye n’ubuhinga ntangorane yagize. Hamwe vyoshika Tithy Love bakundana agakorana ururirimbo rushusha nk’urwo na R Flo akundana na Chany Queen, Kook-K avuga ko ata kibazo vyomutera, kuko boba bakoze akazi kabo.

Mwomenya ko uririmbo "How much I love you" rwateye ibibazo abatari bake, kuko batahura ko Kook-k na Chany Queen batangaje ku mugaragaro ko bakundana ariko yari amajambo y’ururirimbo nta kuri kurimwo.

Fyonda aha munsi urabe isanamu y’urwo ruririmbo :


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.