IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lady Gaga > Lady Gaga asabwa kudasubira kwambika amahereni imbwa yiwe

Lady Gaga asabwa kudasubira kwambika amahereni imbwa yiwe

lundi 23 Ruheshi 2014

Ishirahamwe riharanira agateka k’ibikoko riherutse kugabisha umuririmvyi Lady Gaga kubera ukuntu afata imbwa yiwe. Asabwa kwisunga amategeko agenga ubuzima bw’ibikoko.

Inyuma yo gutangaza amashusho y’imbwa yiwe Asia ayambitse ibidede n’amahereni eka n’ibindi, ivyo vyarashavuje ishirahamwe riharanira agateka k’ibikoko PETA ( People For the Ethical Treatment of Animals). Iryo shirahamwe ryibutsa Lady Gaga ko imbwa yiwe Asia atari ikintu akoresha uko ashatse(accessoires).

Daphna Nachminovitch, icegera c’uwurongoye ishirahamwe "Cruelty Investigations" avuga ati:" nimba Lady Gaga yahisemwo kwambara uko yishakiye, arabigira uko ashatse, ariko imbwa yiwe Asia ntiyigeze isaba ko yoyambika ibintu nk’ivyo. Ego, Asia co kimwe n’izindi mbwa zirafise igikundiro, ariko ikibereye imbwa si kuyambika birya bisiga bwenge, ahubwo ikibereye imbwa ni kuyisigariza indya zikwiye".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.