IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lady Gaga > Lady Gaga yafashije umukunzi w’umuziki wiwe

Lady Gaga yafashije umukunzi w’umuziki wiwe

lundi 15 Ndamukiza 2013

Lady Gaga azoriha amahera yo kwibagisha y’umukunzi w’uwo muririmvyi yitwa Emma. Inyuma yaho bahuriye mu kwezi kwa Ruhuhumu n’uwo mukunzi umwe bita umufana uyo nawe akaba arwaye ingwara yo mu kiyunguyungu ,lady gaga yaciye yemera gutanga amafranga yose azokenerwa mw’ibarwa ry’uwo mukunzi wiwe.

Musi ya zirya nyambaro ndenzarugero ,lady Gaga anyegeje umutima w’inzahabu ukunda abandi.Aho adahengeshanya guha umwanya abakunzi b’indirimbo ziwe aribo yita ‘’little monstres ‘’ yarashitse kure mu mutima mwiza wiwe aho yemeye gutanga amahera mu kubaga umwe mu bakunzi biwe arwaye.

Ico ni igikorwa c’ubwitange bwinshi, Emma n’umukunzi wa lady gaga wa mbere.Mu kwezi kwa kabiri, uwo mukenyezi ava mu leta zunzubumwe za Amerika, i wisconsin muri leta zunzubumwe za Amerika, aho yariko arakwirikirana igiteramo c’uwo muririmvyi hama abona baramusavye kubonana n’uwo muririmvyi aho yari yashkiye igiteramo giheze.

N’umugenzo w’uwo muririmvyi arakunda guhura canke kumarana umwanya n’abo bakunzi yita udushetani duto. Ariko uwo mugoroba, Emma yariko aribaza mu mutima ko hejuru yo kubonana imbonankubone n’uwo muririmvyikazi lady Gaga yarazi ko n’ubuzima bwiwe bwose bugiye guhinduka.

Emma afise indwara imubabaza cane haheze imyaka myinshi. Ikibabaje, uwo mwigeme akaba ava mu muryango ubayabaye mugaca mwumvako atamahera yoronka kugira yirihire amhera yo ku mubaga.Ivyo ntihagire ico bidutwara, lady gaga akozweko n’inkuru y’uwo mukunzi wiwe yaciye amusaba ko yomurihira amahera yose azokenerwa muri iryo barwa.

Kuva k’urugendo rw’indege rumuvana kui Wisconsin gushika ku bitaro vy’i New york aho mukobwa azokwirikiranwa n’abaganga, Lady Gaga yaremeye kumufasha ivyo azokenera vyose .Igihe uwo mwigeme Emma yaciye anyarukira ku kwerekana ibigumbagumba ku muhora twitter .’’ Siho azoba ari mugabo ivyo akoze biratangaje cane amasozi yanyishe igihe yambwira ivyo kwagiye kundihira.’’


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.