IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > Lahma azohora yibutsa Lolilo na Chanelle ko bigeze gukundana

Lahma azohora yibutsa Lolilo na Chanelle ko bigeze gukundana

mardi 19 Ruhuhuma 2013

Lahma ni umwana w’umuririmvyi Nzeyimana Nassor azwi kw’izina rya Lolilo yavyaranye n’umuririmvyi mugenzi wiwe Gitare Chanelle igihe bari bagikundana, kubwabo ngo iyo babonye uwo mwana bibibutsa ko bigeze gukundana.

Lolilo na Chanelle babonye umwana bararyoherwa cane ivyo bigatuma umwana akomeza kwitabwaho n’abavyeyi bombi.

Ubu Lahma yibera kwa nyina kuko se wiwe afise abandi bana babiri yavyaranye nundi mugore, abo nabo bakaba baba hanze y’igihugu c’ubundi.

JPEG - 31 ko

Urukundo rwa chanelle na Lolilo abantu baruvugako vyinshi bitandukanye bamwe bati baracakundana abandi bati no mw’ibarabara ntibaramukanya baranganye burundu.
Ariko bose uko babivuga sivyo kuko umuntu mwavyaranye mukaba munakora bimwe mugahurira mubiteramo bitandukanye ntimwobura kuramukanya.

Ariko ubu biboneka ko urukundo bari bafitaniye rwagabanutse cane kuko ubu chanelle asigaye yitwa Queen flow kubera umukunzi wiwe bakundanye ubu yitwa R-flow ku bwa chanelle akitwa King chanelle.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.