Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Marangara : Ingeso mbi yo gushingura uburimbi bwashinzwe na sentare (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Marangara : Ingeso mbi yo gushingura uburimbi bwashinzwe na sentare (...)

Marangara : Ingeso mbi yo gushingura uburimbi bwashinzwe na sentare yadutse

lundi 20 Nzero 2014

Muri sentare y’intango ya komine Marangara mu ntara ya Ngozi, hibonekeza bamwe mu banyagihugu baja gushingura uburimbi buba bwashunzwe na sentare mu ntumbero yo gutatura amatati y’amatongo yibonekeza muri iyo komine, mu gihe hari n’abandi bagurisha amatongo yabo, haca kabiri bakavuga ko bahenzwe.

Nk’uko umukuru wa sentare y’intango ya Marangara abimenyesha, Edouard Kamandoze, avuga ko ubwo bukozi bw’ikibi ata minsi irahera sentare yakiriye imanza icumi z’ubwo bubegito. Ababa batsinzwe bakaba badasiba kwama bikika mu kiza, bagashingura uburimbi buba bwashinzwe na sentare. Ivyo kenshi, bikibonekeza iyo hageze ko abahungutse bavuye mu gihugu ca Tanzaniya baronswa aho baba, abasangwa bakaba batanezerezwa n’uko bakwa ivy’abandi kugira bisubizwe abavyo.
Muri iyo sentare rero, imanza zishika 283 zikaba zaraciwe kuri 612 zari zanditswe muri uyu mwaka uheze w’2013. Umukuru wa sentare akaba amenyesha ko muri uyu mwaka w’2014, izasigaye zose zizocibwa.

Ingorane zijanye n’ukwiyunguruza rero zikaba zibonekeza muri iyo komine. Abacamanza birabagora ukwo bashika hamwe mu mitumba kugira baje guca imanza. Amenyesha ko abacamanza biyunguruza bakoresheje imodoka ya komine, bigaca bituma hari igihe iba ikenewe n’abandi, ugasanga bigoranye ko bashika mu mitumba kwirabira ingorane ziba zihari ku bijanye n’amatongo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.