Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > R-flow > Inkuru > Menya vyinshi k’umuririmvyi R-flow
Menya vyinshi k’umuririmvyi R-flow
samedi 23 Ruhuhuma 2013
Karimunda Riche –florin azwi kw’izina rya R-flow ni umusore w’imyaka 26, afise urupapuro rw’umutsindo muvyo ubutunzi, amaze kumenyekana nk’umuririmvyi w’umurundi akomeye kubera indirimbo n’ijwi ryiwe bikundwa na benshi.
R-flow yatanguye kuririmba mu mwaka wa 2006,n’indirimbo yiwe ya mbere yitwa “Never died” yaririmbanye na Soso .k yamaze kwitaba Imana.
Vyatanguriye aho, kubera ko ubuhinga aririmbana atangura gusabwa n’imirwi n’abaririmvyi batandukanye ko bofashanya indirimbo, twovuga nka Daz.Q, Perhaps, n’abandi.
Mu mwaka wa 2008 niho yakoze indirimbo yiwe ya mbere, yitwa “I wish” yakunzwe cane ica imwongereza inguvu zo kubandanya n’izindi.
R-flow ubu aramaze gukora indirimbo zishika 13 n’izindi nyinshi zanditse,arafise kandi umugwi w’abaririmvyi arongoye witwa “The causin”,muri uwo murwi bafise album yitwa “The causin in the game”.
R-flow yamenyekanye cane ku ndirimbo yitwa “Sheba” yakunzwe cane mu Burundi ,mu Rwanda, mbere mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko mbere no mu mahanga kubera umudiho mwiza iririmbwemwo n’ubuhinga bwiwe.
Avuga ko hari indindirimbo ariko arategura ku buryo abona ko izokundwa cane gusumba Sheba, kubijanye n’uko izoba yitwa ntiyabitumenyesheje kuko ku bwiwe agomba ko izotangaza abantu kandi ko izoja ahabona mu minsi ya vuba.
Ku bwiwe abona ko ata bakunzi atokwirirwa araririmba kuko aribo bafata iya mbere mu kumushigikira kandi ngo ni naho akura inguvu zo kubandanya akora ,nawe ngo azokwemera aze ararara yandika imirongo mishasha kugira abandanye anezereza abakunzi.
Joel Sengurebe
Messages
9 Ntwarante 2015, 11:05, par Ndayizeye alexis
ndabaramukije kandi ndabakunda cane.mbega ndababaze ngo R FLOW ari mumpimba?hari umuntu aguma anyandikira abicisha kwizina rya R FLOW ngo ndamufashe.ndabasaba mumpe umuco ngo afunzwe kubera indirimbo yaririmvye ngo"UBUTUNGANE BWIZA".
6 Mukakaro 2016, 08:41, par Emmanuel Niyibizi.Ngozi.
R Frow Ndamukunda Kukuntu Afisijwiryiza Kundirimbo Yitwa Uwomukobwanimwiza Iranezera