Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chanelle > inkuru > Menya vyinshi k’umuririmvyi Chanelle
Menya vyinshi k’umuririmvyi Chanelle
mercredi 27 Ruhuhuma 2013
Gitare Chanelle basigaye bita Queen Flow kuko ubu ari umukunzi wa R-Flow ; ni umuririmvyikazi w’umurundi amaze kumenyekana nk’umwe mubaririmvyi kazi ba bahinga mu gihugu c’Uburundi.
Uwo akaba ari umwigeme w’imyaka 24 y’amavuko, akaba afise umwana umwe witwa Rahma yavyaranye na Lolilo mu gihe bari bagikundana.
Chanelle yamenyekanye kubera ijwi ryiwe ry’ubuhinga ryagiye rigaragara mu ndirimbo nyinshi yagiye aririmbamwo, zaba izo yasabwe gufadikanya n’abandi ndetse n’iziwe.
Yatanguye kuririmnba mu mwaka w’i 2004 aho yaririmbanye cane na Lolilo. Mu 2008 niho yasohoye ururirimbo rwiwe rwa mbere rwitwa “Penzi la kweli”.
Aho niho yabandanije gukora bimwe bigaragara, anatangura kuronderwa cane n’abandi baririmvyi ndetse n’imirwi y’abaririmvyi kugira bakorane indirimbo.
Aha twovuga nka Jay-Fire muri “Acha izariwe”, Yoya muri “Birababaza”, Saleh-G muri “no love” ndetse n’abandi benshi. Icibonekeje ni uko indirimbo zose Chanelle yaririmvye mwo zagiye zikundwa cane.
Mu mwaka w’ i 2009 , chanelle arikumwe na R-Flow n’abandi baririmvyi batanu batanguje umurwi bise “The Cousin”. Ariko ubu basigaye ari batatu, abo nabo ni: Chanelle, R-Flow na Bamson umurapere ukunzwe na benshi.
Chanelle avuga ko naho aririmba muri uwo murwi bitamubuza kubandanya gukora indirimbo ziwe ukwiwe. Arongera akamenyesha ko mu minsi iri imbere agiye gushira ahabona indirimbo ziwe shasha n’amasanamu yazo.
Akaba asozera ashimira abakunzi biwe bose atibagiye King Flow uwatumye basigaye bamwita Queen Flow.
Joel Sengurebe
Messages
27 Ruhuhuma 2013, 13:26, par deo
ego sha nukuri muri gukora bya hatari turabemera sana
19 Ndamukiza 2015, 17:30, par bizimungu
chanelle komera utere imbere,nayo lolilo we rekana nawe
24 Ndamukiza 2015, 21:08, par Mugsha alsene
chanell kund r-flow numuhung mwiz cane lOlilo naw mwihoz kuk agashts kakera kavumbik umuriro.
8 Rusama 2015, 17:41, par HABIMANA ERNEST
KOMERA TUKURI INYUMA NDAGUKUNDA
8 Ruhuhuma 2016, 16:12, par tuyi star
CHNE BANDANYA