Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Moyes yatanguye akazi kiwe muri Man United - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Moyes yatanguye akazi kiwe muri Man United

Moyes yatanguye akazi kiwe muri Man United

mardi 21 Rusama 2013

Umumenyereza mushasha wa Manchester United David Moyes, yavuze ko yiteguriye gufasha umurwi yahora amenyereza wa Everton kuronka umumenyereza yomusubirira mu gihe yoba abisabwe.

Moyes yamaze imyaka 11 muri Everton. Ni umwe mu bamenyereza bari baramvye mu mirwi imwe yo mu Bwongereza, akaba avuga ko vyamugoye cane gufata icemezo co kugenda.

Uyo mumenyereza w’imyaka 50 y’amavuko, niwe yazanye abakinyi hafi ya bose Everton ifise muri iki gihe. N’aho yashitse ku kibuga ca Manchester United, akazi nyako kazotangura kw’igenekerezo rya mbere z’ukwezi kwa Mukakaro uyu mwaka 2013.

Moyes avuga ko umwitwarariko wiwe wa mbere yihaye ari ugusaba umukinyi Wayne Rooney kuguma muri Manchester United n’aho yamaze gusaba ko yokwemererwa akaja gukina ahandi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.