Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hariko harategurwa amahiganwa azohuza akarere mu rukino rw’umupira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Hariko harategurwa amahiganwa azohuza akarere mu rukino rw’umupira (...)

Hariko harategurwa amahiganwa azohuza akarere mu rukino rw’umupira w’amaboko

jeudi 1er Myandagaro 2013

Mu mahiganwa buca atangura mu rukino rw’amaboko (Basketball), Uburundi buzoserukirwa n’imirwi ya New star n’Urunani ku bagabo, hamwe na Berco Star na Les Gezelles ku bigeme. Ayo mahiganwa akaba azotangura kuva ku genekerezo rya 5 gushika kurya 11 Myandagaro uyu mwaka.

Inyuma y’Uburundi, ibindi bihugu nk’Urwanda, Uganda, Tanzaniya na Kenya, biramaze kumenyesha ko bizitabira ayo mahiganwa. Ku bwa Zakariya Nzeyimana umwe mu barongozi b’ishirahamwe ry’abakunzi b’urukino rw’umupira w’amaboko, Basketball i Bujumbura (ACBAB), avuga ko imirwi y’umipira w’amaboko mu gisagara ca Bujumbura iriko iritegura cane kugira ize itahukane intsinzi muri ayo mahiganwa ari mu gice ca Zone ya 5. Zakariya Nzeyimana akaba avuga ko yizeye intsinzi kuko amahiganwa yose Uburundi bumaze gukina, abakinyi bitwaye neza.

Ayo mahiganwa akaba azobera ku bibuga bibiri i Bujumbura. Hamwe ni ku kibuga c’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama hamwe no ku kibuga ca Parquet. Amashirahamwe amwe amwe atandukanye nk’amabanki, amashirahamwe ataho yegamiye n’ayandi akaba yaremeye guterera izo nkino. Ariko rero avuga ko igice kinini gitegerezwa kuva mu bushikiranganji bujejwe inkino n’imico kama.

Umukuru w’ACBAB amenyesha kandi ko urugero urukino rw’umupira w’amaboko Basketball rugezeko mu Burundi runezereye cane haba mu karere ndetse no ku barukurikiranira hagufi i Bujumbura no mu gihugu hagati.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.