IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Tennis > Nadal yakoze akataraboneka

Nadal yakoze akataraboneka

lundi 10 Ruheshi 2013

Umukinyi wa Tennis wo mu gihugu ca Espagne, Rafael Nadal, yatsinze ku nshuro igira umunani ihiganwa rya Tennis ryo mu Bufaransa, Roland Garros.

Nta wundi mukinyi n’umwe kw’isi aratsinda iryo higanwa inshuro zingana nk’izo, akaba yabishitseko mu gutsinda David Ferrer seti sitatu ku busa.

Iyo ntsinzi yo mu rukino rwahagaritswe umwanya muto n’abantu babiri bagize ibisa n’imyiyerekano, umwe muri bo akaba yakije ubisa nk’igishirira yirukira mu kibuga hagati, Nadal yemeje ko yasubiye ku rugero rwiwe inyuma y’imvune yari yaragize, yatuma inkino ziwe zitaba nk’uko abishaka mu mwaka uheze wose.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.