Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nuwanka urukwavu aremeza ko runyaruka: Messi yashimye Ronaldo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Nuwanka urukwavu aremeza ko runyaruka: Messi yashimye Ronaldo

Nuwanka urukwavu aremeza ko runyaruka: Messi yashimye Ronaldo

vendredi 22 Munyonyo 2013

Lionel Messi arabona ko igihe cegereje co gutanga wa mupira w’inzahabu, izina ryiwe ntiriza mu banurwanurwa, asa n’uwudafise icizere. Uno mwaka ntiyerewe. Naho biri ukwo ntiyobura ico avuga kuri mukeba wiwe Ronaldo ariko ahabwa amahirwe menshi.

Ivyiza kenshi ntibiramba. Inyuma yaho messsi atwaye imipira y’inzahabu « Ballon d’or » incuro zine yikwirikiranya, incuro ya gatanu iramutaye ku wamazi. Yarakomeretse kw’itako, bituma atitwara neza, kunanirwa kwiwe kw’uno mwaka gufise insiguro: amagara make. Ariko uwo mukinyi yambara inomero 10 y’umukinyi wa Barcelone, ntacotuma adashima CR7 (cristiano Ronaldo no 7).

Messi ati :« Sinzi ko Cristiano yoba yashitse kw’isonga mu kazi kiwe, ico mbona n’uko abandanya yinjiza ibitsindo adahengeshanya, haba mu murwi nserukira gihugu wa Portugal eka no murwi wa Real de Madrid akinamwo ». Ivyo yabishikirije ejo kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2013, ku kinyamakuru Marca co muri Espagne. Muri uyu mwaka wa 2013, CR7 atanga ibiharuro bitangaje, amaze kwinjiza ibitsindo 66 mu nkino zose yakinye kuva mu kwezi kwa Nzero 2013.

“Ronaldo aracari katamanikirwa, haheze igihe kitari gito akinana urya muvuduko, adahindura”. Messi abandanya ashimagiza CR7. Tubibutse ko Messi yaronkejwe kuri uwo wa gatatu w’igenekerezo rya 20 Munyonyo 2013, ikirato c’inzahabu kigira gatatu. Uwo rero yaciye aba umukinyi wa mbere kw’isi aronse ivyo birato bitatu. Ivyo yabironse nk’umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mu mahiganwa yo muri Espagne yo mu mwaka wa 2012 ushira uwa 2013, aho yinjije ibitsindo 46 mu nkino 32, Messi afise imyaka 26.

Messi ntashigikira amajambo ashikirizwa n’ama radiyo atipfuza ko igihe co gutora uwuzohabwa umupira w’inzahabu co kwongerezwa kikaja kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2013. Ngo bibaye ukwo, ibitsindo bitatu vya Cristiano yinjije mu rukino rwahuje Portugal na Suede, hama amahigwe akiyongera. Ivyo ntakibazo bimutera Messi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.