Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Olga > inkuru > Olga asumvya benshi mukuririmbana n’abaririmvyi bo muri afurika (...)
Olga asumvya benshi mukuririmbana n’abaririmvyi bo muri afurika y’ubuseruko
vendredi 8 Ntwarante 2013
Ntaganzwa Olga ni umuririmvyi w’umurundikazi amaze kumenyekana nkumwe mu baririmvyi bafise ijwi ryiza rikenerwa na benshi, kubw’iryo jwi Olga aramaze gusabwa na benshi mu baririmvyi bakomeye bo muri afurika y’ubuseruko kuririmbana nabo.
Iyo abantu bamubajije ibijanye n’ingabirano yiwe yo kuririmba amenyesha ko yabitanguye akiri umwana mutoya aho yaririmba muri korali yo mw’ishengero.
Kubera ko yari afise ijwi ryiza, imirwi myinshi n’abaririmvyi baririmba indirimbo zisanzwe bagiye bamusaba ko bofadikanya nawe mu kuririmbana hama ntavyemere kuko yaririmba mw’ishengero. Munyuma yaciye afata ingingo aca ava mw’ishengero aba umwe mubari bagize umurwi wa “THE COUSINS”.
Munyuma yavuye muri uwo murwi aca aba umuririmvyi yigenga. Ninaho yashoboye kuririmbana n’abaririmvyi batandukanye.
Nk’i Burundi twovugako amaze kuririmbana n’Umurwi wa “THE COUSINS “ ari nawo yatanguriyemwo; abaririnvyi nka Lolilo; Big Fizzo; Chanelle n’abandi benshi.
Mu Rwanda yaririmbanye n’umuririmvyi azwi cane yitwa “ INTORE MASAMBA”
Muri Tanzaniya yaririmbanye na “DIAMOND” ndetse na “T.M.K’’.
Olga ubu nawe akaba afise indirimbo ziwe zababa mirongo ibiri, muri izo, izigera kuri indwi yaramaze kuzikora mu nzu zihinyanyura imiziki, izindi nazo ariko azikora buhoro buhoro kuko ashaka gushira album yiwe ahagaragara.
Joel Sengurebe