Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONATEL igiye kuronsa igisagara ca Bujumbura cose internet hakoreshejwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ONATEL igiye kuronsa igisagara ca Bujumbura cose internet hakoreshejwe (...)

ONATEL igiye kuronsa igisagara ca Bujumbura cose internet hakoreshejwe Wi-fi

mardi 5 Munyonyo 2013

Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL (Office National des Telecommunications) ryatunganije kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kwerekana imigambi ririko rirarangura. Ryatangaje n’umugambi wo gukwiragiza umuhora ngurukanabumenyi mu ma karatiye yose y’igisagara ca Bujumbura.

Donatien Ndayishimiye, umuyobozi mukuru wa ONATEL

Mu kiganiro ONATEL yatanze ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 5 Munyonyo 2013, umuyobozi mukuru wa ONATEL, Donatien Ndayishimiye yamenyesheje ko kuva mu mwaka uza, iryo shirahamwe rigiye gushira imihora ngurukanabumenyi (connection-WIFI) mu makaratiye yose y’igisagara ca Bujumbura harimwo na mashasha. Rigiye mbere no gutanga uturusho ku banywanyi bashasha. Intumbero ya ONAMOB akaba ari iyo kuba umuhora wa mbere mu Burundi mu mwaka w’i 2015 mu bijanye n’umuhora ngurukanabumenyi(internet).

Uwo muyobozi mukuru wa ONATEL, yamenyesheje kandi ko iryo shirahamwe rigiye kurushirizaho gukora uburyo bwose mu gutunganiriza bose, ryorohereze abanywanyi baryo bongere banahamagarire n’abandi kwinjira muri uwo muhora.

Umuntu wese asanzwe akoresha umuhora wa ONATEL, ari uwukoresha ONAMOB, canke telephone yo mu nzu ntibazosubira gutonda imirongo ku biro vy’iryo shirahamwe. Ibiro bigiye kwegerezwa hafi y’imihana gutyo abanywanti barihire hafi canke baguriremwo amakarata y’uwo muhora hafi.

Kugira iyo migambi yose ishoboke, ishirahamwe ONATEL ryiyemeje gutanga uburyo bukwiye mu kugura ivyuma vy’akarorero. Haba mu kwagura imihora ya internet, aho rimaze gutanga amafaranga agera k’umuriyoni w’amadorari mu vya fibre optique bizotuma baronka « internet » ifise umurinfi unyaruka. ONATEL riza inyuma ya Africell rimaze guterera menshi muri uwo mugambi wa fibre optique.

Ku bivurwa ko ishirwa mu minwe yabikorera utwabo ishirahamwe ONATEL atari umugambi uzoteza imbere iryo shirahamwe, Donatien Ndayishimiye arongoye ishirahamwe ONATEL, amenyesha ko uwo mugambi ujanye no guteza imbere ONATEL. Kandi biri no mugambi wa Leta watanguye kuva mu mwaka w’2009. Yamenyesheje ko atari ishirahamwe ryose rizoshirwa mu minwe y’abikorera utwabo. Igisata c’umuhora wa internet arico kiri muvyo bashira mu minwe y’abikorera utwabo, maze abanyamitahe muri ico gisata bafashe guteza imbere ishirahamwe ryose.

Mwomenya ko imigambi yo kwagura imihora ya internet ishirahamwe ONATEL rifise, izoyibishobozwa n’ishirahamwe ry’abashinwa ryitwa Huawei, ubu bakaba bamaze kwimba ibirometero bigera ku 1400 hano mu gisagara, bakazoshika no hagati mu gihugu. Intsinga za fibre optique zizozana imuhora wa internet WIFI zikazocishwa no mu mazu kugira abantu bazoshobore kuraba aimboneshakure biciye mu buhinga bwa none, eka mbere n’abakoresha amaterefone bokazoborehorea guhamagara atangora zihataye.

Incamake ya kahise ka ONATEL

Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL ryatanguranye gukoresha amatelefone yo mu nzu rimaze imyaka 33 rikora hano mu Burundi gusa. Mu mpera z’umwaka w’ 1979 niho ryatangura gukoresha gutumatumanako amakuru no mu makangu rikoresheje telephone zo mu nzu.

Mu mwaka w’ 2005, ONATEL niho ryatanguza umuhora wa ONAMOB wo gutumatumanako amakuru hakoreshejwe telephone ngendwanwa. Muri uwo mwaka nyene ryaciye rinatanguza gukoresha umuhora ngurukanabumenyi “internet”.


Bukuru Mariella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.