Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Richard Sezibera: Iminsi 10 ntikwiye ngo amatora abe mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Richard Sezibera: Iminsi 10 ntikwiye ngo amatora abe mu Burundi

Richard Sezibera: Iminsi 10 ntikwiye ngo amatora abe mu Burundi

samedi 23 Rusama 2015

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko Richard Sezibera,amenyesha ko iminsi cumi yigijwe inyuma ku matora mu Burundi idakwiye kugira abanyagihugu bose bitabe amatora.

Mu gihe yari mu rugendo mu Burundi kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 22 rusama,Richard Sezibera yavuze ko ikibazo c’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza,camaze gushikirizwa umurwi w’abacamanza bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Richard Sezibera yavuze ko abakuru b’igihugu vyo mu karere ka Afria y’ubuseruko bazohura vuba kugira bigire hamwe ibizoba biri mu cegeranyo kizotangwa n’uwo murwi w’abacamanza bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Kubwo umunyamabanga mukuru w’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,ngo naho bari basavye ko amatora mu Burundi yokwigizwa inyuma,iminsi cumi yigijwe inyuma ntikwiye kuko,muri iyo minsi abahunze ntibashobora kuba bamaze guhunguka ngo bitabe amatora.

Richard Sezibera yamenyesheje kandi ko muri iyo minsi cumi,abamenyeshamakuru ntiboba bafise uburenganzira bwo gukora bidegemvya kandi n’abanyapolitike ntibashobora kuzoba bahejeje gushikiriza imigambi yabo abanyagihugu bose.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko ku bibazo biri mu Burundi,abanyagihugu bakeneye inyishu za politike.

Indwi zirenga zitatu ziraheze imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza itanguye,abarundi barenga ibihumbi 100 baramaze guhungira mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ivyo uwo mushingantahe avuze nivyo. Hasigaye ko babwira Nkurunziza ko ikiringo ca mandat yiwe ya 3 giheze ata mutekano uraboneka mu Gihugu no mu banagihugu, ko hazoca hafatwa ingingo yo gushiraho Reta mfatakibanza yiga ingene imyiyerekano yohagarara hamwe n’ubwicanyi, hanyuma abahunze bagatahuka, tukabona kubandanya amatora aciye mu nzira y’ukuri kuri bose...

  • None mubisanzwe uburundi nabarundi buzohererahe?ko batanguy guter nabar mwisok nab barimumyiyerekano?twizere vuba ko imana izakwishura abarundi kuk yishurira kugihe.uwuri mukur akwumirek uwuri munzir mbi yihane hama twitegurir kwakir ishak ry umukama.amen.

  • None mubisanzwe uburundi nabarundi buzohererahe?ko batanguy guter nabar mwisok nab barimumyiyerekano?twizere vuba ko imana izakwishura abarundi kuk yishurira kugihe.uwuri mukur akwumirek uwuri munzir mbi yihane hama twitegurir kwakir ishak ry umukama.amen.

  • Sezibera we ntashobora kunezerwa nuko amatora yogenda neza mu Burundi, iyo imigumuko na coup d’Etat vyateguriwe turahazi, ubu naho aho bibaburiye barondera ko amatora ataba habe leta mfatakibanza, uwomunyarwanda ahenda bande?

  • Ahaaah!Sezibera Ni Paul Kagame,ntagitangaje rero.urwanda rushaka kwifatira uburundi?irya élimination bagize iwabo,mu burundi niho itoshoboka?abarundi,twaratahuye démocratie ntamoko akiturimwo. #stopkagame

  • Nibavyige mugabo ivyo bazotangaza bazobitangaze bavuga ko atazitoza imitima yabenshi yotekana.

  • nuwabaha umaka ntivyoshoboka kuko ntabanyepolitike bifuza amatora.ivyimpunzi kombona nomurwanda impunzi zirenga 1milion ntamatora azigeraba?

  • bucumi, marc n’abiyumvira nkamwe, muri ibigugu pe! reka kumaramara muzana ivy’ubwoko kandi isi yose izi ko ingorane uburundi bufise uno musi atari iz’ubwoko. Abiyamiriza mandat ya 3 si Kagame canke Sezibera. Ni abarundi bose barimwo eclesiya gatorika, aba Cndd*fdd benshi, Ishirahamwe ry’Africa,Onu, America,Ubwongereza, ububirigi,n’abandi. Hanura peter na nyamitwe bave ibuzimu baje ibuntu,ahandi ho ejo turabakubita intahe mugahanga

  • iconsaba ahubwo abobacamanza bomuri africa yubuseruko nibabinyarutse kuko ikibazo cuburundi cabaye akayoberabahinga bitumwe nabobandandende izombwa zigomba kuduta mwihumbi!

  • Ega mwe nimubibona umugambi bafise bariko bagerageza kwica abanyagihugi no kubatera ubwoba kugira bahunge hamyuma ejo babeshe ngo batowe 100% arabesha.

  • Reka kwisukamuvyuburundi kuko nimpuzi zabanyagwanda ntizirataha mais ntaho amatora yigeze azirindira,mbe ivyo muvuga ngo muzocimanza ,notre constitution na cours constitutuonnel yabisiguye mwe muyisumvyiki ,sha umugambi mufise wo kuryanishabarundi twarawuhinyuye muribesha ,kuvuga ngo muzobafasha ngo bafatuburundi nkuko mwirukanyabahutu mugwanda ni never ahi ntibizoshoboka kizofuma kibumunyota ,sezibera aho wigira avocat du duable izomanza ninde yazigutuye birakugoye,rindira nugwakagame rugira rutangure ndabe ingene uzoruca

  • Genocide mu rwanda yabaye amakungu arebera nanone muburundi ibihabera si vyiza ngo tuzahura vuba mugabo abantu barimo bicwa none ababanyi b uburundi mutumariye iki? Mutabare ningoga

  • Naho Bokwongereza Imisi Yokwiyamamaza,atamahoro Ntamatora Twiteze Muburundi.Ahubwo Amakungu Nagarukire Uburundi Inganda Zitaratikira.Kuko Ntawovyihanganira.

  • Uburundi na tanzaniya birakwiye ko biva mu maguru masha muri uryo shirahamwe bita " East African Community.

  • TURASAVYE IMANA YO MW,IJURU IHANGAZE UBURUNDI NABANYAGIHUGU ITUGIRIRIKIGONGWE.KUKO ARIYO MUCAMANZA MUKURU IRUTA BAC-AMANZA BOSE BOMWISI .

  • Petero Nkurunziza Naje Mucumba Asenge Yambaze Uhoraho Amwishure Kukiringo ca3 arekere abandi azobihembega kandi azoba arokoye abarundi n’uburundi amere nkamose igihe yajabukana abisirayeri!iyosentare nayo tuyiteye intege kugira isome amategeko gusumvya abacamanza buburundi.

  • ikibazo muburundi si NKURUNZIZA kuko twumvirz amajambo ava mukanwa kaba nye politique bamw bamw biraboneka kata matora bakeney kuko na CENI ntibayishaka vyumvikana ko bakfney intwaro twasezereye ari fata kibaza aho rero bamenyeko ukeney gukura intwaro ntahandi atari mumatora kanatsinda turi muri démocratie

  • Vyukuri hari abanye politik bibonek ko badakeney amatora bo bagomba ubutegets budaciy mumator nkuko babigira kera ivyo bikaba vyagaragay igihe bashatse kugira coup d’Etat bikabata kuwamazi ntakibabaje nkabavuga ko badaharanira inyung za poltik ark ubiravy vyukur ugasanga ntakind bagamij ubu rer abarund turi maso amase ya kera ntagihoma urutaro

  • Nibigize Inyuma Amatora Abanye Politic Bose Bayajemwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.