Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyikazi Alida yemanze ko ari mu rukundo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alida Baranyizigiye > Inkuru > Umuririmvyikazi Alida yemanze ko ari mu rukundo

Umuririmvyikazi Alida yemanze ko ari mu rukundo

mercredi 4 Ruhuhuma 2015

Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye inyuma yo kwakira agakiza mu guhindura cane cane ubutumwa n’intumbero y’indirimbo ziwe, ubu naho yatangaje ko ari mu rukundo rwuzuye.

Haraheze iminsi Alida ashira ahabona amafoto ari kumwe n’umugabo, haba bari kumwe mu muduga canke mu birori, uwo mugabo nyene baranaririmbanye ururirimo bise "Amashimwe". Jimmy James niwe ari mu rukundo na Alida nk’uko biboneka ku rubuga rwa facebook aho Alida ubwiwe yemeza ko bariko barareshanya.

Alida yatangaje ko ariko areshanya (fiancaille) na Jimmy James maze yongerako akajambo ati :"Kwizera si kwibaza ko Imana ishoboye ahubwo n’ukwemera ko Imana ifise gushaka".

Ivyo rero bitanguye kuboneka kuva igihe Alida yahindura uko yahora aririmba maze agatangura kuja mu ndirimbo mpimbazamana hari inyuma y’iminsi mike y’ihiganwa Primusic aho yari mu rwego rutanga amanota "Jury" . Ico gihe hatanguye gusohoka amafoto ari kumwe n’abana biwe hamwe na Jimmy, niko rero kubishira ku mugaragaro.

Umviriza ururirimbo "Amashimwe" rwasohotse inyuma yaho Alida na Jimmy bemeje ko bari mu rukundo.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Alida ntabwo yakijijwe ntibimusa kabisa ahubwo yabikoze kugira yironkere Umugabo nayo ivy’Imana ntibirimwo.Ivyo ntibitangaje kuko abantu benshi bama babikoze

  • Ivyo uvuze ni ivy’ukuri, jewe hariho umukozi w’Imana yigeze kumbarira ko igihe yari aha i Bujumbura mu karuhuko, yatemembereye mu mashengero menshi Imana imwereka ko hariho abagiye gukizwa kuko basambana, baroga, baraguza, eka n’ibindi vyinshi, ngo ariko bagumye uko bari bameze. Abenshi ni uko babigenza nico gituma iki gihugu cacu kiguma kirimwo indyane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.