Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaririmvyi Yoya na R Flow baviriye hasi urukundo rurembejwe n’insaku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > R-flow > Indirimbo > Abaririmvyi Yoya na R Flow baviriye hasi urukundo rurembejwe n’insaku (...)

Abaririmvyi Yoya na R Flow baviriye hasi urukundo rurembejwe n’insaku n’amaronko

jeudi 16 Gitugutu 2014

Ururirimbo "Ibuka" rw’umuririmvyi R. Flow rufise amajambo nkoramutima cane cane ku bahemuka kw’isezerano ry’urukundo. R. Flow ati : "Ibuka". Urwo rurimbo rufise ubutumwa bushusha n’uburi mu ruririmbo "IBIGAMBO" rwa Yoya rwasohotse vuba. Abo baririmvyi baviriye hasi urukundo rurembejwe n’insaku n’amaronko .

"Ibuka" ko wahora umbwira ko ari jewe gusa yokugeza aho ushaka, none se?". Iryo ni rimwe mw’ijambo rigize urwo ruririmbo. Arongera ati:" Yaco ukangwa n’ibihinda ataco bimaze, menya ko inyuma y’inyungu haza ukwicuza". R. Flow ageze ku citabirizo aririmba ahanura avuga ati : "Ntukajane n’ivyisi kuko atavyo womara, reka kwiyamamaza. Nimba ubu bicaka haraho vyonaca ingese".

R. Flow amenyesha ko iyo intumbero y’ururirimbo "Ibuka" ari ugukebura abakundana ariko bagateranywa n’amaronko kandi bishobora guhinduka, uwahemutse bose bakamuherako, akipfuza n’uwo yahevye. Ati : "Nimba ubu bicaka haraho vyonaca ingese". Kubera amajambo arimwo n’akamaro ifitiye abantu bose bari mu rukundo, R Flow atumenyesha ko isanamu yarwo igiye gukorwa vuba cane, izokorwa n’umuhinyanyuzi karuhariwe Black Arthur wo muri "Akaga Videoz".

Ururirimbo "Ibuka" ruje rwiyongera ku rundi "Ibigambo" rwa Yoya rukebura abatandukanywa n’urusaku. Yoya nawe ati :" Nshaka kumenya nimba unyizera canke wizera ivyo baza bakubwira...urusaku baza bakubwira".Urwo twararubashikirije kuri uuwu wa gatatu. Dufatiye kuri izo ndirimbo 2, biboneka ko abo baririmvyi bariko bagerageza guhanura abo bantu bari mu rukundo cane cane ingo z’ubu zisamburwa n’amaronko canke insaku.

Tubamenyeshe ko R. Flow ari kumwe na Patient na Bamson bakoreye hamwe ururirimbo bise "pesa" canke "Amahera" mu Kirundi, urwo rugiye gusohoka vuba.

Umviriza ururirimbo "Ibuka" rwa R. Flow

Umviriza kandi "Ibigambo" rwa Yoya


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.