Spok’s yamaze gutangaza bimwe mu bijanye n’igiteramo ciwe co gushira ku mugaragaro urukurikirane rwiwe rwa mbere. Ururirimbo rutwara izina muri urwo rukurikirane ntirurasohoka.
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Indirimbo
Indirimbo
-
Spok’s yatanze inkuru nziza ku bakunzi biwe
18 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA -
Spok’s atanga insiguro y’ururirimbo "IBIBAZO"yakoranye na Rap Makerz
25 Ntwarante 2015Umuririmvyi Spok’s yasohoye ururirimbo yise "IBIBAZO". Muri urwo ruririmbo aratanga uburorero bw’ibibazo nyamukuru abona biri mu Barundi, ahandi akerekana ko hari n’ibindi bibazo bizoza muri kazoza k’igihugu. Ururirimbo yarukoranye n’umurwi Rap Makerz.
Spok’s avuga ati : "Ubu mu Burundi abatunzi n’abakene bisa n’uko basigaye bari kuri même niveau, sinzi ko twovyita génération canke urunganwe? Natanguye kubibona igihe isoko yasha, n’umuntu atarazi ko ubukene bubaho yarabumenye hari n’abari bazi ko (...) -
Umuririmvyi Small Dog aririmbana intimba z’umukobwa yamuhevye
15 Nzero 2015Umuririmvyi small Dog yasohoye ururirimbo rw’urukundo aho aririmbo intuntu z’uwo bakundanye ariko bikanka ko babandanya mu rukundo.
Umu "rappeur" Small Dog mu ruririmbo rushasha "Uracankumbura"yumvikana umengo afise akabonge yibuka uko yahora akundanye n’uwo mukobwa atavuga izina. Small ati:"Twakundanye neza kuva mu buto twabanye neza dukuze, ntivyakunze ngo dukomeze". "Reka ndakwibutse tugisangira akavoka...", "ndazi ko nawe ukinyiyumvira...".
Tubibutse ko uwo muririvyi Small Dog ari mu (...) -
Spok’s UMUVUGIZI aranegura Abarundi badakunda igihugu cabo
15 Nzero 2015Spok’s atanguye umwaka ahanura Abarundi gukunda igihugu cabo gusumba abanyamahanga. Abicishije mu ndirimbo, ahanura abarundi kureka kwirukira inyungu zabo. Uwo muririmvyi aradondagura imigenderanire myiza yahoze hagati y’imiryango yose yo mu Burundi.
Mu ruririmbo yise "Burundi", Spok’s aranegura inyifato y’Abarundi barutwa n’abanyamahanga gukunda igihugu cabo, kandi Uburundi buryoshe kuruta inyama y’ikindi. Ivyiyumviro uwo muririmvyi ashikiriza birahanura kuko bifatira akarorero ku ntwaro (...)