Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Indirimbo > Spok’s UMUVUGIZI aranegura Abarundi badakunda igihugu cabo
Spok’s UMUVUGIZI aranegura Abarundi badakunda igihugu cabo
jeudi 15 Nzero 2015
Spok’s atanguye umwaka ahanura Abarundi gukunda igihugu cabo gusumba abanyamahanga. Abicishije mu ndirimbo, ahanura abarundi kureka kwirukira inyungu zabo. Uwo muririmvyi aradondagura imigenderanire myiza yahoze hagati y’imiryango yose yo mu Burundi.
Mu ruririmbo yise "Burundi", Spok’s aranegura inyifato y’Abarundi barutwa n’abanyamahanga gukunda igihugu cabo, kandi Uburundi buryoshe kuruta inyama y’ikindi. Ivyiyumviro uwo muririmvyi ashikiriza birahanura kuko bifatira akarorero ku ntwaro y’ingoma y’Ubwami bw’Uburundi.
Mwomenya ko uwo muririmvyi aherutse kwanka ko ururirimbo "Indoto" yaririmbanye n’aba Rappeurs Wawa na Small Dog rwakorewe muri Kim France Records rusohoka kubera rukozwe nabi.
Umviriza ururirimbo rushasha "Uburundi" rwa Spok’s
Cherif Nkeshimana