Ashley ashitse mu gihugu yamenyesheje ko ururirimbo "My Level" yarukoze abisabwe n’abakunzi biwe. Arahakana ko adakundana na Satb, amenyesha ko umuntu yaririmvye azomuvuga izina inyuma y’igiteramo yimirije.
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru
Inkuru
-
Ashley arahakana ko adakundana na Satb
1er décembre 2017 -
Ashley Diva azoshigikirwa naba bitumwako mu giteramo yimirije
23 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANAAshley agiye gushira ku mugaragaro "Video" y’ururirimbo aherutse gusohora. Abaririmvyi batari bake bari ku rutonde rw’abazomufasha kuremesha igiteramo.
-
Ashley avuga ko ikorwa ry’umuziki mu Burundi ridatunganijwe neza
27 octobre 2017Ashley agiye gushira ahabona video y’ururirimbo aherutse gusohora. Uwo muririmvyikazi aravuga igituma adakorana cane n’abaririmvyi bo hanze mu gihe abandi baririmvyi bagenzi babirukira. Aranavuga agahaze ku gituma indirimbo ndundi zitavuzwa cane hanze y’igihugu.
-
Ireresi yateguwe na Ibra Kwizera yasubiriye kuja mw’ihiganwa mpuzamakungu
30 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANAIbra KWIZERA yakoze ireresi "Ashley" avuga ko uusubira mw’ihiganwa kw’iyo reresi kwabaye nk’igitangaza kuko yari imaze guhiganwa ahantu henshi, ikaba kandi iya kera. Kugira ibikorwa vy’abanyamyuga b’Abarundi bishirwe ku rwego mpuzamakungu, bisaba ko umuhinga amenya ico ariko arakora n’aho ashaka gushika, nk’uko bivugwa n’uwo yakoze iyo reresi.
-
Sat-b na Ashley boba bakundana
16 Myandagaro 2017Ashley amaze iminsi yandika kuri facebook yiwe utujambo twoba twerekana ko hoba hari imigenderanire y’urukundo hagati yiwe na Sat-b. Eka si Ashley gusa, na Sat-b yanditse ayandi majambo nayo nyene yerekana imigenderanire y’urukundo na Ashley. Ashley asa n’uwubihakana.
-
Ikorwa ry’isanamu "Waya Waya"ryabaye akananira bahinga
3 Ndamukiza 2015Ikorwa ry’isanamu y’ururirimbo "Waya Waya" rwa Ashley yagize ingorane z’umuhinyanyuzi yoyikora kubera isaba kwitonderwa. naho biri uko, inyuma y’ukwezi ishobora kuja ku mugaragaro.
Haheze iminsi havugwa ikorwa ry’isanamu y’ururirimbo "Waya Waya" rwa Ashley, ariko gushika ubu isanamu ntirakorwa, twegereye umuririmvyikazi Ashley atubwire ingorane isanamu yiwe yagize. Ashley yishura ati:" Isanamu yatanguye kugomba gukorwa na JB Production ku buntu kugira kandi iyo nzu y’ubuhinyanyuzi imenyekane, (...) -
Ashley arabeshuza abanditseko ibikorwa vyiwe bidatera imbera kubera inyifato mbi
6 Ntwarante 2015Umuririmvyikazi Ashley Girukwishaka ariko ariyamiriza amajambo yanditswe n’uwitwa Frank pro ku bijanye n’isanamu y’ururirimbo "Waya waya". Ashley yagirijwe kuba afise inyifato mbi, no kutubahiriza amasezerano, nawe ati:"Abo bandika ivyo batatohoje n’ukuncafuza".
Frank pro yanditse avugako isanamu y’ururirimbo "Waya Waya" rya Ashley yosohotse mu ntango z’uku kwezi kwa Ntwarante, ikozwe na JP Production, studio ikorera mu Gihosha. Uwo Frank abandanya yandika ko abajejwe "studio"bahinduye umugambi (...) -
Inyambaro n’inyicaro vya Ashley Girukwishaka bivugwako vyinshi
23 Nzero 2015Umuririmvyikazi Ashley Girukwishaka akunze kwifotoza amafoto akavurwako vyinshi, ubu hoho yashizeko ifoto aho asa n’uwari gusa.
Imwe mu mafoto azokoreshwa mw’isanamu y’ururirimbo rushasha "Wayawaya" iriko ivugwako vyinshi ku rubuga rwa facebook. Bavuga cane ku kuntu Ashley yari yicaye n’ukuntu yari yambaye. Bamwe babona ko Ashley asigaye yifotoza nka ba Rihanna, Miley Cyrus, ba Kim Kardashian n’abandi bagore n’abakobwa bo mu za Bulaya na Amerika.
Ivyo biri uko mu gihe uwo muririmvyikazi avuga (...) -
Umuririmyikazi Ashley yavanye muri Kenya intambo nshasha itazwi na hamwe kw’isi
8 Nzero 2015Umuririmvyikazi Ashley yahora mu gihugu ca Kenya yahakuye ibitari bike bishobora ku mwungura ubwenge kandi bimufashe mw’itera mbere ry’umuziki wiwe. Yakoreyeyo indirimbo, yatanze ibiganiro ku nsamirizi hamwe n’amasezerano yagize yo kugurisha indirimbo ziwe.
Ashley yavuye mu Burundi aja muri Kenya yitavye ubutumire bw’umuririmvyi Chopha yashaka ko basubiramwo ururirimbo "Me Love you"rwa Ashley. Ashitseyo ntivyakunze kubera amahera Ashley yamusavye ntiyayatanze, uwo muririmvyikazi aca akora (...) -
Ashley yagiranye amasezerano n’abazodandaza indirimbo ziwe
26 Munyonyo 2014Ashley iyo ari mu gihugu ca Kenya ariko akora cane ibijanye n’akazi kiwe k’umunyamuziki. Kuva ashika muri Kenya, yashikiye mu biganiro ku nsamirizi n’imboneshakure. Ubu naho Ashley yagiranye amasezerano n’abagurisha indirimbo.
Inyuma yo gutumirwa mu biganiro ku nsamirizi n’imboshakure KBC iri i Nairobi muri Kenya, agakorana indirimbo n’umuririmvyi Chopha, Ashley aherutse kugirana amasezerano na "Room Tech" . Iyo nzu isanzwe ikora ibijanye no kumenyekanisha ibikorwa vy’abaririmvyi, igiye gukorana (...)
0 | 10