Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ashley arabeshuza abanditseko ibikorwa vyiwe bidatera imbera kubera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Ashley arabeshuza abanditseko ibikorwa vyiwe bidatera imbera kubera (...)

Ashley arabeshuza abanditseko ibikorwa vyiwe bidatera imbera kubera inyifato mbi

vendredi 6 Ntwarante 2015

Umuririmvyikazi Ashley Girukwishaka ariko ariyamiriza amajambo yanditswe n’uwitwa Frank pro ku bijanye n’isanamu y’ururirimbo "Waya waya". Ashley yagirijwe kuba afise inyifato mbi, no kutubahiriza amasezerano, nawe ati:"Abo bandika ivyo batatohoje n’ukuncafuza".

Frank pro yanditse avugako isanamu y’ururirimbo "Waya Waya" rya Ashley yosohotse mu ntango z’uku kwezi kwa Ntwarante, ikozwe na JP Production, studio ikorera mu Gihosha. Uwo Frank abandanya yandika ko abajejwe "studio"bahinduye umugambi wo gukorera iyo sanamu ya Ashley kubera wo mukobwa, afise nyifato mbi kandi agoye gukorana. Arangiza yandika ati:"murumvako iyo umuririmvyi canke umuririmvyikazi yerekanye ingendo mbi canke imyifato mbi , ukutubahiriza amasezerano imbere y’abomufashije gutera imbere, bishobora kuzanira ingaruka mbi nkuko bishikiye ASHLEY".

Naho biri uko, Frank pro ntavuga neza inyifato mbi y’uwo muririmvyikazi, kandi mu matohoza yiwe ntiyerekana uko Ashley agorana.

Ashley tumubajije ico yobivugako, ati:" Frank pro yashatse kunteranya n’abakunzi banje". abandanya avugako Frank pro yanditse amakuru atatohoje, akanamubaza ati:" Urazi neza ko ari jewe ntubahirije amasezerano ya JP Production".

Ashley nawe avugako studio JP Production yiyemeje ivyo idashobora gukora mu maszerano yo gukora isanamu y’ururirimbo"Waya Waya". Avuga ko isanamu izokorwa n’uwundi muhinyanyyuzi atadomako urutoke.

Arangiza nawe asaba imbabazi abakunzi biwe, kuko Frank Pro yanditse ibintu atatohoje. Tugiye kubandanya tuvugana na Ashley ku muco uhagije kw’ikorwa ry’isanamu ya "Waya Waya".

Umviriza ururirimbo "Waya Waya"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.