Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ashley avuga ko ikorwa ry’umuziki mu Burundi ridatunganijwe neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Ashley avuga ko ikorwa ry’umuziki mu Burundi ridatunganijwe neza

Ashley avuga ko ikorwa ry’umuziki mu Burundi ridatunganijwe neza

vendredi 27 octobre 2017

Inyuma yo gusohora uririmbo yise "My Level", Ashley amenyesha ko na video yarwo igihe kuja ahabona vuba. Iyo video nyene iriko ikorerwa mu gihugu ca Kenya n’umuhinyanyuzi Jay akorera mu nzu y’ubuhinyanyuzi yitwa Starlit Films Production.

Ashley mu kiganiro yagiranye na IGIHE, avuga ko yamushimye kubera akora neza, abandanya avuga ko ivyo bibonekera mu ma video amaze gukorera abaririmvyi nka Khaligraph, Noti Flow n’abandi.

Inyuma y’ibijanye n’iyo video, Ashley yabajijwe igituma adakorana n’abaririmvyi bo mu gihugu arimwo narirya abandi baririmvyi b’Abarundi birukira kurondera gukorana na bo mu bindi bihugu kugira bagerageze kuduza amazina yabo.

Kuri ico kibazo, yishuye ko wewe abona hatagera, ati :" Ntegerezwa kubanza kwubaka izina ryanje, kuko gukorana n’abaririmvyi bageze kure mu muziki bisaba kwitegura cane".

Ku kibazo caho abaririmvyi b’Abarundi bidoga ko indirimbo abo zitavuzwa mu karere ka Africa y’Ubuseruko, ndetse no mu makungu, Ashley, ati :
" Haravuzwa indirimbo za Kidum gusa, abandi nka Fizzo, Satb eka jewe nyene ubwanje ntituzwi. Ni naco gituma nakubwiye ko ndiko nihatira kwubaka izina ryanje aha ndi".

Ashley asanzwe akora n’urundazwa, yabajijwe ko kudandaza no kuririmba bishobora gukorerwa rimwe, yishuye ati :" Biroroshe kuko n’ikibazo c’umwanya gusa".

Girukwishaka yabajijwe ikiziritse umuziki ndundi kikawubuza kudatera imbere, yishuye ati :" ikorwa ry’umuziki mu Burundi ntiritunganjijwe neza". Yagiriye ko asaba ko ikorwa ry’uwo muziki ryohinduka rihereye mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi "Amical des Musiciens du Burundi" hamwe n’abarigize.

Umviriza aho munsi ururirimbo "My Level" Ashley aherutse gusohora


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.