Iyo umwaka ugiye kurangira Rally Jo arashikiriza icegeranyo c’ibikorwa vyiwe vy’umwaka. Muri rusangi abona ko vyagenze neza naho hatabuze utunenge. Amanota yoyahabwa n’abakunzi biwe hamwe n’abakunda akazi kiwe k’umuziki.
Rally Jo ati:” Uyu mwaka novuga ko ari uwa mbere mwiza kuko nararonse akanya keza ko kuzunguruka mu ntara zitari nke z’Uburundi aho nashoboye kubona urugero umuziki wanje ugezwe ko mu gukundwa. Mu ntara zose naciyemwo narabonye ko izina ryanje rizwi nk’umuririmvyi w’Umurundi”. (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > Interview
Interview
-
Rally Jo:"Bimwe mu bibuza gukora amasanamu menshi harimwo ingorane z’abakobwa"
25 Gitugutu 2014 -
Hasigaye umwanya muto umuririmvyi ab ’i Ngozi batumyeko abashikire
7 Myandagaro 2014Umuririmvyi Rally Jo ariko aritegura afate urugendo rumushikana mu ntara ya Ngozi, yitavye ubutumire bw’abakunzi biwe. Agiye kumara iminsi ibiri agirisha ibiteramo Agiye abashiriye indirimbo nshasha. Uwo muririmvyi afise n’izindi ngendo hanze y’igihugu. .
Rally Jo agira afate imodoka imushikana mu ntara ya Ngozi, yitavye ubutumire bwa nyene ubunywero Bervedere aho ashaka ko yoja kuryohera abakunzi b’ubunywero bwiwe, n’abakunzi biwe bakamuboneraho. Ibiteramo bizobera aho kuri Bervedere neza na (...) -
Rally-Joe : "Nomenya uwanyiyitiriye kuri Facebook twokwuzurizwa na Sentare
3 Gitugutu 2013Umuririmvyi Rally-Joe amaze iminsi afise uwamwiyitiririye ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook. Ivyo rero bigatuma abakunzi biwe bamubaza ibijanye n’uwo muhora ufise izina « Rally-Joe Arakaza ». Uwo muririmvyi akaba yiyamiriza uwo yamwiyitiririreye n’aho ataramumenya.
Umuririmvyi Rally–Joe amaze iminsi abazwa n’abantu ko yoba afise imihora ibiri ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook. Ico kibazo akakibazwa kubera hari umuntu yitwa « Rally-Joe Arakara » benshi bibaza ko ari umuhora (...)