Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > Interview > Rally-Joe : "Nomenya uwanyiyitiriye kuri Facebook twokwuzurizwa na (...)
Rally-Joe : "Nomenya uwanyiyitiriye kuri Facebook twokwuzurizwa na Sentare
jeudi 3 Gitugutu 2013
Umuririmvyi Rally-Joe amaze iminsi afise uwamwiyitiririye ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook. Ivyo rero bigatuma abakunzi biwe bamubaza ibijanye n’uwo muhora ufise izina « Rally-Joe Arakaza ». Uwo muririmvyi akaba yiyamiriza uwo yamwiyitiririreye n’aho ataramumenya.
Umuririmvyi Rally–Joe amaze iminsi abazwa n’abantu ko yoba afise imihora ibiri ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook. Ico kibazo akakibazwa kubera hari umuntu yitwa « Rally-Joe Arakara » benshi bibaza ko ari umuhora w’umuririmvyi Rally-Joe. Ariko umuririmvyi Rally-Joe avuga ko atari uwiwe, ahubwo ari uwamwiyitiririye. n’ikimenyamenya abamwandikiye bavuga ko yishura ibitaroranye.
Rally-Joe amenyesha ko atako atagize yandikira uwo muntu amusaba ko yoreka kubandanya amwiyitirira kuko ariko amucapfuriza izina. Mugabo uyo yamwiyitiriye yaranse kwumva impanuro yahawe n’abagenzi b’uyo muririmvyi ndetse n’umuririmvyi Rally-Joe ubwiwe nyene. Rally-Joe akaba arico gituma yashimye kumenyesha abakunzi biwe uko ico kibazo cifashe.
- Isanamu ya Rally Joe y’ukuri kuri facebook
Rally-Joe aganira na IGIHE yagize ati:” Mu vy’ukuri je sinumva ukuntu umuntu ashobora gufata umugambi wo gukora ikosa nk’iryo. Nomumenya twokwuzurizwa na sentare, kuko aramaze kuyaga n’abakunzi banje benshi, akababarira vyinshi vyo kunsubiza inyuma mu muziki. Amahirwe ngira n’uko baca banyakura bambaza impamvu ndabishura nabi, nkabasigurira ko atari jewe, ariko ari uwanyiyitiririye”.
Rally-Joe asaba abakunzi biwe n’abantu bose b’abagenzi biwe bahurira ku muhora wa facebook, ko uwo muntu yiyise « Rally- Joe Arakara » bakwiye kutemera ivyo yandika. Uwo muririmvyi w’umurundi amenyesha ko afise umuhora umwe wa facebook ariwo « Rally Joe ». Iryo zina rindi « Arakaza » rigiyeko, abantu bamenye ko atari umuhora wiwe.
- Uwiyitirira Rally joe ku muhora wa facebook
Joel Sengurebe