Mu gihe amaze iminsi asa n’uw’uri mu gacerere, Rally Jo amenyesha ko aticaye. Avuga ko muri kamere kiwe akora ibintu yitonze kugira bigire akanovera.
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > inkuru
inkuru
-
Umuririmvyi Rally Joe yoba ari mu biki?
21 November 2017 -
Rally Jo yahindukije uruhigi ku bamenyeshamakuru
28 Myandagaro 2014Rally Jo yahindukije "micro" ku bamenyeshamakuru b’imicokama. Uwo muririmvyi afise ibibazo ko hari abamenyeshamakuru boba ari abaririmvyi canke ko abataririmba ko vyoba biborohera mu kazi kabo na rirya bakorana n’abaririmvyi iminsi yose, asanze barimwo yipfuza ko bokorana indirimbo.
Uruhigi rwahindukiye, ibibazo vyahora bibazwa abaririmvyi ubu biriko bibazwa abamenyeshamakuru. Umugambi watangujwe n’umuririmvyi Rally Jo aho twamubonye ariko abaza umumenyeshamakuru wo ku nsamirizi "RFM". (...) -
Rally Jo arahoza abarokotse ku mvura y’isegenya
11 Ntwarante 2014Umuririmvyi Rally Jo ari kumwe n’abandi baririmvyi batari bake baba mu Kamenge bagiye hamwe bikora mu gahogo baririmba ururirimbo rwo guhoza abahuye na rya segenya ryahitana abantu n’ibintu.
Ururirimbo "Mpore" rwakozwe n’umuhinyanyuzi w’amajwi Patrick Pro, ruca rukorerwa amasanamu na Adomix. Rally Jo ari kumwe n’abaririmvyi bataramenyekana cane mu ruganda rw’abaririmvyi b’abarundi, bashatse guhoza abasigaye mu gahinga inyuma y’isuri ryo mu Gatunguru. Amazina ya bamwe mu baririmbanye na Rally Jo: (...) -
Umwaka w’2013 wabaye mwiza kuri Rally Joe
26 Munyonyo 2013Ibiteramo Rally Joe yagiye agirisha hirya no hino mu gihugu eka n’amahiganwa yagiye atumirwamwo gushigikira, vyaramuhaye ivyumviro kuko yaza ahura n’abantu n’ibintu bitandukanye. Yarabonye bishasha. Aramenyesha bimwe bimwe, mu vyo yakoze uyu mwaka n’ivyo asigaje gukora muri iyi minsi mikeyi isigaye kugira umwaka urangire.
Inyuma y’amahiganwa ya Primusic aho Niyinzi Joe Rally azwi kw’izina rya Rally Joe yari yatowe nk’umuremeshahiganwa wa Brarudi, yaragize amahirwe yo kuja mu ntara zose z’igihugu (...) -
Rally-Joe yaga hasi mu gusaba imbabazi abakunzi biwe
25 Munyonyo 2013Umurirmvyi Rally-Joe arasaba imbabazi abakunzi biwe. Imvo akaba ari ukuba atabaye mu giteramo yari yatunganije mu Kinama kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo isaha 9 z’umuhingamo. Iryotarike akaba yahuye n’ivyago mu Kayanza ariko amanuka i Bujumbura.
Igenekerezo rya 19 Munyonyo ryageze ari i Kamaragambo mu ntara ya Muyinga. Aho mu Buraruko bw’Uburundi akaba yari yagiye kuba umusasirabikorwa mw’ihiganwa ry’intambo. Ihiganwa ryahuza imirwi itamba 6. Rally-Joe nawe akaba yari yagiye aherekejwe n’umurwi (...) -
Rally Joe na Lolilo ntangorane bafitaniye
29 Ndamukiza 2013Haraheze iminsi umuririmvyi Lolilo asohoye indirimbo yitwa “Ndatashe”. Kuva aho iyo ndirimbo isohokeye abantu benshi baciye batangura kuvuga ko isa n’iyitwa “Reka ntahe” ya Rally Joe , bica bituma havugwa ko hagati y’abo baririmvyi babiri , icuka atari kiza. Ariko amakuru ikinyamakuru Igihe.bi yatohoje agaragazako ivyo bivurwa atarivyo.
Kubwa Rally Joe , avuga ko iyo ndirimbo ya Lolilo ataho ihuriye n’iyiwe kuko ukuba amazina agomba gusa bidasigura ko ari zimwe. Avuga kandi ko mu ntumbero afise (...) -
Rally-joe yarerekanye ko yatwaye Primusic abikwiye
19 Ruhuhuma 2013Umuririmvyi Rally-joe yeretse abakunzi biwe bo mu ntara ya Cibitoki ko yatahukanye igikombe ca primusic agikwiye kuko yarabasusurukije biracika.
Rally –joe yaratangaje abandi baririmvyi kuko wewe yivugiriza live, bisigura ko yari yifitiye abacuranzi b’inanga zitandukanye n’ibindi kandi b’abahinga ku buryo abantu bose babishimye cane baravyina bararirimba birakomera ku buryo hageze k’umunsi wa kabiri w’igiteramo uwurongoye yabaza abafana ngo tuzane nde? Bose bakavuga bati muzane Rally-joe live (...) -
Umucuraranzi Rally Joe Sekuru wiwe yitavye Umuremyi
8 Ruhuhuma 2013Kuri uyu wagatanu kw’igenekerezo ryu 8 Ruhuma 2013, Rally-Joe ari mu ntara ya Muramvya aho atagiye kuririmba ahubwo yagiye gushingura sekuru wiwe avyara nyina.
Sekuru w’uwo mucuraranzi yitavye Imana ejo kw’igenekerzo rya 7 Ruhuhuma 2013.
Rally-Joe yatubwiye ko kubera iyo nkuru yamushikiye giturumbuka, abacuraranzi bagenzibe ntibashoboye kumuherekeza gushingura sekuru, we yaciye yihuta wenyene kuja kumaziko.
Uwo muryango wuwo mucuranzi ndetse nawe ubwiwe nabakunzi be ni bakomeze (...) -
Ikiganiro IGIHE yagiranye n’umuririmvyi Rally Joe
27 Nzero 2013Umuririmvyi Rally Joe aramaze kuririmba indirimbo zitari nke kandi zakunzwe n’abantu benshi. Aririmba indirimbo zo mumudiho wa RNB.
None uwo muririmvyi ninde, yavutse ryari, akora gute, afise intumbero iyihe.
Kugirango tumenye vyinshi kuri we, twagiranye ikiganiro.
IGIHE: Turaguhaye Mwiriwe!
Rally Joe: Mwiriwe.
IGIHE: Wotubarira Rally Joe uwo ari we muri make?
Rally Joe: Egome.Izina ryanje abavyeyi banyise ni Niyinzi Joe Rally.Navukiye mu Kinama, mu gisagara ca Bujumbura,muri (...)