Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa igitero co kw’ikambi ya Mukoni barengutse muri Sentare
Abagirizwa igitero co kw’ikambi ya Mukoni barengutse muri Sentare
lundi 3 Ndamukiza 2017, par
Abasirikare indwi bagirizwa igitero cabaye kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2017 kw’ikambi y’igisirikare yo ku Mukoni mu ntara ya Muyinga, barengutse imbere ya Sentare kuri uwu wa mbere. Ababuranira abo basirikare bashikirije ko Sentare nkuru ya Muyinga idafise ububasha bwo kuburanisha urwo rubanza.
Mu kwezi kumwe niho Sentare izovuga namba ifise ubwo bubasha, canke namba rwoshikirizwa urundi rwego.
Abo bantu barengutse mu butungane kuri uwu wa mbere ni abahagaritswe inyuma y’amasasu yumvikanye mu micungararo y’ahari ikambi y’igisirikare yo ku Mukoni,mu ntara ya Muyinga. Mu gisirikare c’Uburundi barahakanye ariko ko atari igitero cakozwe kuri iyo kambi.
Mu kiganiro yatanze inyuma y’ayo masasu yumvikanye, Colonel BARATUZA Gaspard yamenyesheje ko abasirikare bariko bakizura hafi y’ikambi yo ku Mukoni nk’igihe c’isaha umunani n’iminota 30 z’ijoro barashwe n’abagizi ba nabi bitwaje inkoho, ariko ko atacononekaye.
Colonel BARATUZA yavuze ko abo barashe abasirikare ari abasuma bariko bagerageza kwiba mu mihana yegereye iyo kambi, ariko bateshejwe.
IGIHE
Messages
3 Ndamukiza 2017, 20:19, par NDAYISENGA
IYO BAJA HOSE NIBAHASHE ABOBANSI BAMAHORO
3 Ndamukiza 2017, 21:20, par Wakera
Urwo n’urubanza rwa Politike! Bafashwe kubera ari aba EX-FAB hama abasirikare baciribwa urubanza muri auditorat militaire . Ahubwo nihafatwe ababasinzirikarije ubuzima cane cane uwujejwe iperereza i Muyinga na ya milice Imbonerakure bafashanije!