Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu 19 nibo bahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe
Abantu 19 nibo bahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe
dimanche 2 Ndamukiza 2017, par
Abantu bagera kuri 19 nibo bahagaritswe mu kiringo co kuva mu ndwi yo kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante gushika kw’igenekerezo rya mbere Ndamukiza 2017. Benshi muri abo bahagaritswe ni abanywanyi ba FNL ya RWASA Agathon, hamwe n’abo mu mugambwe CNDD urongowe na Leonard NYANGOMA, nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture.
Ico cegeranyo kiravuga kandi ifatwa ry’umwe mu ndongozi z’umugambwe UPRONA ishami rya Karori NDITIJE mu ntara ya Kirundo.
Mu bahagaritswe muri iyo ndwi, SOS-Torture yaharuye abanywanyi umunani ba FNL ya RWASA Agathon, abanywanyi batandatu ba CNDD ya NYANGOMA asanzwe ari mu buhungiro.
Icegeranyo ca SOS-Torture kiravuga kandi bamwe mu baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bahagaritswe inyuma y’aho bandikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bamumenyesha ko bagiye guhagarika ivyigwa mu gihe ingingo bafatiwe y’ingene bagiye guhabwa agafashanyo itohogarikwa.
Ishirahamwe SOS-Torture rivuga kandi abantu batatu bagandaguwe, muri abo hakaba harimwo ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu ruzi.
IGIHE
Messages
2 Ndamukiza 2017, 14:20, par Cobla Rouge
Sarira Hiyo.
2 Ndamukiza 2017, 16:11, par Livlng
Ndumva Bikaze Mu Burundi
2 Ndamukiza 2017, 16:12, par Living
Ndumva Bikaze Mu Burundi.
2 Ndamukiza 2017, 19:09, par Wakera
N’ukwicungera kuko imbonerakure, interahamwe, FDLR vyaganguye mugutoteza abantu! Iherezo ryaho nugupfa bangara nkagahini!!! God damn DD system
3 Ndamukiza 2017, 00:09, par ni mavoko
nn mbega gwasa akogacerere arimwo kandi ari mubahimiriza ngo tiyerekana hama akarya natwe tuvundiye mumakambi haha .
3 Ndamukiza 2017, 03:16, par ndayitwayeko asman
iconiyumvira nuko.abobafahwe batengerezwa.kubahana kuko.bariko bahungabanya umutekano wigihugu.nyangomawe yamye agomba guhungabanya umutekano emwe nateshwe ate twaramuhinyuye ivyiw agomba amahoro.asubize inkota mugubati yase turomuvugutira abaguji ntitugomba mugihugu cacu.nibitond bazoshikirwa
3 Ndamukiza 2017, 07:12, par hakizimana antoine
Ariko uburundi nkigihugu kigituranyi kubericyi? Ibibikomezakuba turabasabir mugire amahoro
3 Ndamukiza 2017, 07:13, par JEANC
NIBABAK0REKWAMATOHOZA ABERA BERE ABAGIWENICAHA BAHANWE
4 Ndamukiza 2017, 06:51, par FELIX MUHIRE
Wakera na wewe ukwiye uwoguorerako!
4 Ndamukiza 2017, 18:05, par Kareb
Wakera ubwonko bwe buri mugisusu
4 Ndamukiza 2017, 18:26, par SAMWEL
NDUNVA AGATO ARIHIGA
6 Ndamukiza 2017, 09:08, par Jado
Ndabona igihe namwe musigaye mwibera i Burundi, ibyaho nibyo bibashishikaza kurusha ibyanyu mu Rwanda. Hahahahhh
9 Ndamukiza 2017, 22:32, par wamoyo
kubakwisi nukwitonda